• Inama nshingamateka y’uburundi yemeje ijana kw’ijana integuro y’itegeko rigenga amafaranga reta izokoresha mu mwaka wa 2018.imiriyaridi 1224.1 akaba ariyo mahera reta itegekanya gukoresha.umushikiranganji w’ikigega ca reta Domitien Ndihokubwayo akaba yamenyeshejeko iyo nteguro y’isunze politike yugutubika uwavubi.Abashingamateka bakaba bibaza aho gutubika uwavubi bizoherera.
• Abashingamateka batatu bo mu gihugu ca reta zunze ubumwe z’amerika barashikirije ingingo kubijanye n’igihugu c’uburundi (resolution mururimi rwigifaransa). Muriyo ngingo basaba impande ziri mu matati mu gihugu c’uburundi kudakoresha inzira y’ intambara . reta y’uburundi nayo isabwa gukwirikiza ibijanye n’ibiringo ntarengwa ku giti c’umukuru wigihugu . Inama iraba ivyumutekano kwisi ,ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe nubumwe bw’afrika bisabwa gufata ingingo zishoboka kugira haboneke umuti wa politike ku ngorane ziri mu gihugu c’uburundi
• Abanyagihugu begereye uruzi Rusizi mu ntara ya Cibitoke bemeza ko batinyira amagara yabo mugihe ngo haguma haboneka ibiziga bireremba muru rwo ruzi ariko ngo ntibikugweyo kugira bihambwe . Ibiziga biheruka kubonawa ntibihambwe nivyabantu ba 2 bari baboshe vyabonywe kur’uyu wa mbere ku mutumba Ruhagarika ya 2 muri komine Rugombo muriyo ntara ya cibitoke. Inkuru ziva mu rugombo zikemeza ko mu kiringo kidashika ukwezi hameze kuboneka ibiziga bireremba muruzi rusizi bigera kuri 8 . Abo banyagihugu bagasaba ababijejwe kuza barakura ivyo biziga mururwo ruzi narirya ngo ayo mazi ariyo bakoresha . Abajejwe intwaro ntaco bashima gushikiriza kurivyo bivurwa nabo banyagihugu .
• Umushikiranganji w’indero yarasohoye itegeko nshikiranganji rivugako umunyeshure azoshaka gusubiramwo ikibazo ca reta gitanga uburenganzira bwo kuja mu mashure ya kaminuza (examen d’etat mu rurimi rwigifaransa ) ategerezwa kuzobanza kuriha amafaranga ibihumbi mirongo 50 vyamarundi.nkuko biboneka kuri iryotegeko janvière Ndirahisha avugako iyo ngingo ayifashe kubera benshi biyandikisha gusubiramwo ico kibazo ariko ntibagende.
• Kuri uno wa gatatu kucicaro c’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri africa CAF habaye tombora uko imigwi izohura mugikombe gihuza imigwi yabaye iyambere iwayo champion’s ligue hamwe na confederetion’s cup.umugwi wabaye uwambere muburundi LLB mwihiganwa riheze ukaba watomboye umugwi wa rayon sport wo mugihugu kibanyi c’urwanda. Uwuzotsinda inkino 2 zizohuza iyo migwi ikazoca ihura na mamelodi sandows yo muri afrika yepfo.nayo mugikombe ca confederation’s cup umugwi wa olympic star yo mu ntara ya muyinga ikazotana mumitwe n’umugwi wa Etoile filante yo muri burukina faso uwuzotsinda azoca ahura na al hilal obeid yo muri sudani.