• Igikorwa co gutanga amakarata kubiyandikishije ngo bazokwitabe amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha catanguye kuruyu wa 3 mu gihugu cose. Mu bibanza bitandukanye twaciyemwo hano mu gisagara ca Bujumbura ico gikorwa cariko kigenda neza n’aho utunenge tutabuze Abanyagihugu baranegura ariko ko abajejwe gutanga amakarata ari bake. Basaba umurwi Ceni kwongereza abakozi.
• Ubushikiranganji bwumutekano burabeshuza ibihuhu bimaze imisi bivugwa cane cane gano mu gisagara ca bujumbura ko hari umugwi wabantu banyuruza abana bakiri bato.petero nkurikiye umuvugizi wubwo bushikiranganji akavugako ivyo vyibihuha bimenyerewe igihe hose haba himirije amatora .akaba anamenyeshako uwuzofatwa ariko arakwiza ivyo bihuhu azofatwa agahanwa
• Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Leta ryagiriza bamwe mubanya politique bariko barakora imyiyamamazo ijanye n’amatora yoguhinyanyura ibwirizwa nshingiro ko bariko barahonyanga agateka kazina muntu n’amategeko agenga gutwara abantu n’ibintu. Gabriel Rufyiri arongye OLUCOME akavugako mu matohoza OLUCOME ryakoze ryasanze abo banya politique bakoresha imiduga itagenewe gutwara abantu mugutwara abanywanyi babo ahabera imyiyamamazo. Uwo arongoye OLUCOME adoma urutoke k’umugambwe CNDD-FDD hamwe no kurunani Amizero y’abarundi. Ahamagarira igi polisi kibijejwe gukora akazi kaco mukurwanya iyo nyifato.
• Amavuriro y’Abasomariya ni make kandi arakenye imiti n’ibikoresho.Ivyo bituma abasomariya bitura igisata c’ubuganga mu basirikare bari guhagararira amahoro muri somariya baba benshi. Muganga Kapitene Severin Irambona Ajejwe ico gisata asaba amashirahamwe mpuzamakungu gutanga uburyo kugira igisata arongoye