Jeudi 18 avril 2024

Iwacu Web TV

Ishure ritoya ry’i Nyakwibereka : akamaramaza !

20/01/2015 Edition : 23

‘Iwacu Ku gatumba’ twagendeye kw’ishure ry’i Nyakwibereka aho ryugarijwe nubukene budasanzwe. Ntibagira n’intebe bicarako bakaba bigira mu birasi bitagira imiryango n’amadirisha. Abigisha babo n’umwete udasanzwe ngo barifuza ko abo bana botera imbere. Aho akaba ari muri komine Gisuru mu ntara ya Ruyigi.

Forum des lecteurs d'Iwacu

23 réactions
  1. Majanja

    Intango niko imeze. Ndibuka neza ko iyo ngorane yanshikiye niga muri iyo Province ya Ruyigi nyene mw’ishure ntavuze. Ico gihe nta ntebe zari zihari. Ndibuka ko Papa yahimirije abandi bavyeyi hanyuma bakarondera aho twicara. Kandi nokubwira ko Imana yamushumbushije kuko naramenye! Abavyeyi nibahaguruke barondere intebe! Abo bana nabo n’abigisha nibabandanye gukora icabazindukanye. Komera. Intango niko imeze. Mbe mwebwe mwishongora ngaha ntawe birashikira akimukira mu nzu itagira intebe?

  2. Nsengumuremyi

    N’ayo barayubatse da.Twebwe kera twja kwiga kubirometra 10.ubu ndabona umwana aja kure ari ku kurometero kimwe gusa.ko habonetse izo shure zitagira intebe ,ni intango nziza kumbure ejo naho hazoboneka izo ntebe n’ibindi ikibi ni ukubura vyose.Bukebuke nigo rugendo .

  3. Nsengumuremyi

    Abo bana ni bige n’umwete mwishi ahubwo kugira ngo ni bigira imbere bazoterere mukugira haboneke amashure meza.Ndazi aho benshi biga kukibuga ,bakicara kubiti aho rero ku zuba rimena imbwa agahanga .Ariko kubera umwete bari bafise n’ukwitanga kudasanzwe kwa’abigisha barabandanije ubu ndabona benshi mbere mubuzi bukomeye munzego z’igihugu.Kwigira habi habi ntikibuza kumenya iyo ufise abigisha bazi ico bakora.

  4. claire

    Nunva agahinda kumutima kuboona umuvyeyi arunkika ikibondo azi ko agiye kungura ubwenge kumbe agiye kuba umuyaya ariko Mana tabara igihugu cacu kironke indongozi zakamaro

  5. Arsène

    Et avec ça, le pouvoir nous dit avoir construit plus d’écoles que durant toute la période de 2ème et 3ème république! Quelle honte!
    Les salles de classe avaient des bancs/pupitres dans les années 1960! Que s’est-il passé entretemps?
    J’ai rencontré Gén. Bunyoni à Genève et il m’apprenait cette politique de multiplication d’écoles: il me disait que le Burundi allait être le premier pays où la distance à parcourir par les écoliers vers les salles de classe serait la plus courte. Je ne le connaissais pas à ce moment et je lui ai demandé s’il était le ministre de l’éducation nationale (je ne sais pas si ce ministère s’appelle toujours ainsi). Il était venu présenter ce projet…aux donateurs!
    Non, me dit-il, je suis le Ministre de la Sécurité publique. Il m’était alors difficile de poser d’autres questions.
    Je lui faisais alors remarquer que le projet était voué à l’échec pour avoir vu une situation similaire dans un autre pays où je faisais mes recherches: des écoles primaires qui, à l’époque où j’y étais, existaient dans les village depuis plus de 3 décennies mais dont les écoliers n’avaient jamais réussi à franchir le cap de l’école primaire au secondaire. Pas un seul pendant 35 ans! La faute principalement au manque d’enseignants: tout le cycle primaire avec deux enseignants (au mieux) dont un était fonctionnaire et l’autre payé en nature par les villageois! et au pire un seul pour 5 classes!
    Avec tout le respect dû, je lui ai fait remarquer que la construction de salles de classe ne suffit pas pour garantir une bonne éducation.
    J’ai comme l’impression que je n’avais pas totalement tort.

  6. Good

    Il ne s’agit de la politique ni de c’est lui qu’on a vote ou nom il faut se demander quel est mon role dans la situation les commentaires il ne faut pas voir les choses comme ca aruko ntaco mutandukaniyeko nabo badutwara on a eu la chance d’etudier et peut etre que pour certain les support sont d’ailleur sans savoir qui dirige ou pas et ces enfants doivent etudier parceque c’est l’avenir du monde wewe ubifisemwo uruhara.

    • Anne

      Bien dit « Good », igihugu gitezwa imbere n’abanyagihugu, abatwara si bo bonyene babijejwe. Twese twashoboye kwiga turafise un role a jouer

  7. Nkundimana Claudine

    Birababaje cane kubona uburundi bugifise ahantu hameze gutyo mugihe tugezemwo ntivyari bikwiye kuba bikibaho ivyo mbonye, kuburyo atan’Intebe yokwicarako ihari ?
    abana bakicara kumabuye koko ! None abo ba politiciens bamariye iki igihugu? Iyumvire namwe umunsi wose wicaye kw’ibuye n’umugongo utunye jewe ça m’a fort touché none umuntu kugira hagire ico afasha yobingenza gute? Yocahe ; yobaza nde? Reka dufashe abo bana kuko nabonye bifitiye n’umwete.

  8. Gerard

    Le monde est méchant!

  9. Anne

    Ndasubiye kubaza uwagiye aho hantu, atubarize ico twogerageza guterereza ngo dufashe iri shule rironke ibikenewe (chaises, tables, portes, fenetres,…). Turi hanze twoterereza ariko twamenye exactement ico twokora

    • NDAYIZIGA

      Mwaramutse Anne!! Uwoshaka kugira ico aterera kuri iryo shure yoca muri Musitanteri wa Commune GISURU canke President wa Conseil Communal canke Directeur Communal de l’Enseignement. Mushaka ama contacts yabo mwonyandikira kuri Email: [email protected] noca ndazibaha! Jewe sindi hafi yabo ari ndazifise kuko mvuka muri iyo Commune!!

      • Anne

        Urakoze cane

      • Ndayizeye

        Uratubwiye kweri uwo twocako. Ugomba bace bayiba. Ahubwo uwugomba guterera ngo atabare iryo shule n’ibobondo biharerewe be n’ibizohaza, yokwumvisha abanyagihugu baho ko intwaro ya CNDD-FDD itegerezwa kuhava, bakayisezerrera mu matora ya 2015: italiki 25/5/2015, basidukane n’iyonka birukane aba bashingamateka batowe mu ruyigi hamwe n’inama mpanuzwajambo zaho, kuko ntaco zabamariye.

        • thierry bukuru

          iryo shure ryashinzwe ku ntwaro ya fdd? fdd nta mashure matomato yubatse ku ntwaro yayo?leta ni fdd? fdd ni leta?abanyagihugu ni aba leta ? leta ni abanyagihugu?kuki hamwqe bakenye ahandi bagakira?
          fdd 2015 uprona 1990,uprona 1978,1965……duterere igihugu cacu .mukomere.

      • Rose Hakizimana

        Harageze aho Abarundi baronka Intwaro ibarongora mu mutekano ata kagaye ata gasuzuguro ata gahotoro kuko muriyi myaka tugezemwo n umugabo n umugore babwizanya impanuro mu mwumvikano bagahana ivyimviro mukurera abana ata nkoni canke ikofeira Hageze aho abarundi banka ubwicanyi maze Umurongozi yabukoze Akabogozwa
        Hageze aho abarundi banka Umurongozi abarira ivyo babiriye akuya ataco abamariye Hageze aho abarundi batasubira kucugwa bufuni nabuhoro ,muguhembwa umunyororo aho yoshimiwe
        Kugira tubishikeko nukwo Abarongoye abandi bovyigisha haba mu ma sengero haba mu manama haba no mu mashure kikaba icigwa cigishwe abarundi bose kandi abo bagiye kwitoza bakabazwa bakemenga kukurikiza amategeko UYARENZE akabogozwa

    • Gilbert Niyongabo

      mbe wibaza ko vyoroshe guterera.
      Musitanteri; chef de zone, ministre aturuka aho hantu, boyacisha ku w’epfo. Wibaza ngo ni abantu? Harya na Peter wosanga bahora bamuha rapport ngo barubatse ishure. Ariko ntuhora wumvabavuga ko bubatse amashure incuro 10 nimba bitarenga ngo kuyari ahasanzwe. Ntimubona quel genre d’école bubaka muri za miliardi ya bonnes oeuvres.

    • Majanja

      Anne, ntuhirahire ngo wonone amafranga yawe kuko nta ntebe bazogura.

  10. MAHORO

    Birababaje kubona abo bana babeshwa ngo bariko bariga. Nta n umwe azotera imbere kubera hari ho ibikorwa batazoshobora kurangura kuko bazoba barwaye imigongo. Nta muntu ashobora kwirigwa yicaye kurya, akandikira hasi atunye umugongo ngo ahave amahoro. Ndetse ubumenyi ababijejwe bari bakwiye kuraba amagara y ivyo bibondo.
    Kazoza ntibagira na mba, birababaje!

  11. ChangeWeNeed

    Birababaje cane gose kubona abana bigira mu mashuri ameze uko. Birakwiye ko imvukira cane cane ziva muriyo Ntara zoyigarukira, na Leta ikigora ikabaronsa ibikoresho bikwiriye. Ku rundi ruhande ni vyiza ko iryo shuri ririho naho rimeze uko biruta kutarigira. Turashimiye cane gose abo bigisha bariko baritanga cane mukwigisha kazoza k’Uburundi, kandi mbona bigisha naneza nibo ba Patriotes b’ukuri ntahobahuriye nabanyepolitike bironderera inda zabo, turishimiye cane gose abo bana bafise ishaka rinini ryokwiga!!! Twizere ko ibintu bizohinduka

  12. Anne

    None umuntu yokora iki kugira afashe. Combien couterait les pupitres, portes et fenetres?

  13. Remus

    ishure cank poullailler?o pauvr barundi nibabagarukir kabisa

  14. mutekano

    noe ko numva birigwa barihayagiza ngo barubats amashule??? c’est ridicule! utora nabi ugatwarwa nabi

  15. Tujijuke

    None ntibatoye Nkurunziza ?

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.