Samedi 27 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake yamakuru y’iwacu yo kuwa 5 nzero 2018

06/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake yamakuru y’iwacu yo kuwa 5 nzero 2018

• Hari umusore azwi nk’imbonerakure yaraye arashwe n’umupolisi ku musozi wa Rutumo muri zone ya Minago mu ntara ya Rumonge. Uwo yarashwe azwi kwizina Bigwanyi ismael akaba yagomba yake inkoho umupolisi nkuko amakuru ava mu gipolisi abivuga. Umuryango wiwe usaba ko hokorwa amatohoza kugira uwo mupolisi yamurashe ahanwe.

• Umushikirinzamanza wa sentare nkuru ikukira intara ya Muramvya yasabiye igihano c’umunyororo uri hagati y’imyaka 20 na 25 hamwe n’ihadabu ry’umuliyoni w’amafaranga y’amarundi abanywanyi 3 b’ishirahamwe rihamagarira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kwiterambere rirama Parcem mu ntara ya Muramvya. Bakaba bagirizwa ko bashatse guhungabanya umutekano w’igihugu. Mu ntahe y’icese yo kuruyu wa gatanu bakaba basavye uko ari 3 ko bokwezwa ngo kuko ivyo bagirizwa ataho bishingiye. Uwubaburanira akizera ko bagiye kurekurwa.

• Umuhuza w’Abarundi Edouard Nduwimana amenyesha yuko integuro y’ibwirizwa shingiro iriko irasigurwa niyemezwa, umukuru w’igihugu n’abandi bategetsi bazorahira bafashe bibiliya. Abigenga nabo bazoshaka kwitoza bazoba bafise imigambi bisangije, kandi ata nani barimwo, abajejwe umutekano bazoshobora kugenwa mu mabanga yo kurongora intara. mu gihe mw’ibwirizwa shingiro rihari ubu bitahoramwo. Bamwe mu banyagihugu bari gusigurirwa ibiri muri iyo nteguro kuri uyu wa gatanu murib zone ya Nyakabiga mugisagara ca bujumbura berekanye amakenga bafise umuhuza arabishura yongera abasaba kuzotora Ego hageze gutora iyo nteguro

• Kuva kw’igenekerezo rya 1 gushika kuwa 15 ukwezi kwa 4 Uburundi buzokwakira inkino za Cecafa z’abana batarenza imyaka 17. Iyo bikaba vyemejwe na Nicolas Musonye, umunyamabanga mukuru wa Cecafa mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuruyu wa 5. Akaba yamenyesheje ko yasanze ibibuga vyo mu ntara za Ngozi na Muyinga bikwije ibisabwa n’amategeko kugira vyakire ayo mahiganwa.Uwo munyamabanga mukuru wa Cecafa avuga ariko ko ikibuga c’i Gitega harivyo kitarakwiza.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.