Mercredi 24 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake yamakuru yiwacu yo kuwa 30 nzero 2018

30/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake yamakuru yiwacu yo kuwa 30 nzero 2018

• Bamwe mu banyagihugu bo muri segiteri ya Kizina ni muri komine Gihanga intara ya Bubanza bazindutse ku biro vy’umuhuza w’abarundi mu gatondo ko kuruyu wa kabiri. Ikibazo c’amatongo yabo hamwe n’imitahe irondera bamwe murabo banyagihugu nico cari cabatumye kuza kubiro vya Edouard Nduwimana. Inyuma y’ umubonano bahawe n’umuhuza ari kumwe n’umushikiranganji w’ubutangane ngo bemerewe gusubira murayo matongo nayo ngw’imitahe y’abaronderwa igiye gufutwa, ivyo abo banyagihugu bashimye kuko hari abarara baraturatura kigutinya gufatwa

• Ishavu riraniga m’ubanyagihugu bo mw’ikambi y’impunzi z’abarundi y’i Lusenda mu buseruko bwa repubilika iharanira intwaro rusangi ya congo. Abo barundi bemeza ko bamaze indwi zibiri ata mfungurwa bahamwe n’ishirahamwe ryitaho impunzi HCR hamwe n’ishirahamwe rya ONU rijejwe gutanga ibifungurwa kwisi PAM. Uwuserukira impunzi zabarundi muriyo kambi amenyeshako kur’uno wa mbere bari bugarije umukuru w’iyo kambi mu gihe yariko abasaba ko bokwihangana. Bakaba bamurekuye abasirikare bacungera umutekano w’iyo kambi barashe hejuru. Bagasaba ko imfungurwa zitoza zirateba gushika.Ikambi y’i Lusenda irimwo impunzi z’abarundi zababa ibihumbi 30, bakaba bagiye mu buhungiro mu 2015 kubera umutekano muke uvuye ku ndyane za poritike zarangwa mu Burundi.

• Abantu barenga 20 bakekwa kuba ari abagwanyi baba Maï Maï yakutumba bashitse ku kivuko ca Rumonge mu gitondo co kur’uyu wa kabiri. Abandi bashitse kuri ico kivuko n’abarundi bababa ijana bari bahunze bava mu gihugu ca Congo bagana igihugu ca Tanzaniya ariko banka guhabwa ubuhungiro. Abo bose bakaba bahavuye bakirwa na Buramatari w’intara ya Rumonge Juvenal Bigirimana kuruyu wa kabiri .

• Hari umuriro wadutse uturira inyubakwa z’ubushikiranganji bw’ibidukikije kur’uyu wa kabiri isaha zitandatu z’umurango. Umunyamabanga ntayegayezwa w’ubwo bushikiranganji avuga ko ububiko bw’ibikoresho hamwe n’ibiro vya ECOSAT arivyo vyahiye cane. Simoni Sindayihebura amenyesha ko bataramenya inkomoko y’uwo muriro.

• Igipolisi carahagaritse umuntu yitwa Isaac Nduwayo ku muhingamo wo kuruyu wa mbere. Hari ku mutumba Muyange, komine Nyabihanga ni mu ntara ya Mwaro. Amaze kubazwa ibibazo uwo yafahwe yahavuye yerekana ahanyegeje inkoho. Mu gipolisi bakaba basanze iyo nkoho yari yibwe umupolisi yitwa Petero Claver Siboniyo. Hari ku biro vy’igipolisi vyahitwa Mbogora kuwa 10 nzero. haratowe kandi kuruyu wa mbere ama grenade 3(grenade offensive de type chinois) hari ku mutumba Gishubi,komine Butaganzwa ni mu ntara ya Ruyigi. Akaba yatowe nuwitwa Nduwarugira Daniel mu muzinga w’inzuki w’umuntu bivugwa ko ari mu gihugu ca Tanzania. Igipolisi kikamenyesha ko caciye kihashika gukuraho ivyo bisasu. Bakamenyesha kandi ko batanguje amatohoza.

• Abigisha batagira akazi bababa 200 nibo biyandikishije mû biro vy’umuyobozi w’indero muri komine Kayokwe ni mu ntara ya Mwaro, kuri uyu wa mbere. Ni inyuma yaho Ubushikiranganji bujejwe indero busabiye ibiro bijejwe indero mu ntara kwandika abigiye kwigisha batagira akazi. Umuyobozi ajejwe indero muri komine Kayokwe Nestor Ntakarutimana yemeza ko bari kurenga abo iyo hatangwa umwanya munini wo kwiyandikisha.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.