Samedi 20 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KUWA 3 NZERO 2018

03/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KUWA 3 NZERO 2018

• Abanywanyi 5 bumushingamateka Agathon Rwasa baraye bungururijwe mugasho ka parake y’intara ya bubanza kur’uyu wa 3, inyuma y’ imisi 6 bafungiwe mugasho ka brigade gihanga .amakuru dukura aho i bubanza akemezako abo banywanyi ba Agathon Rwasa babatwawe inyuma y’inama yakoreshejwe na musitanteri wa komine gihanga Léopold Ndayisaba. Kubwa Alexis Manirakiza arongoye urunani amizero y’abarundi mu ntara ya bubanza avugako bibabaje kubona umuntu yatowe n’abanyagihugu afatwa agafungwa ahowe ubusa.ivyo akabivuga afatiye ko icaha bagirizwa ngo cokugira inama idakurukije amategeko atarico ngo kuko nta nama y’abantu batanu kandi bari mw’ibarabara.uwo mutegetsi akemezako abayoboke ba rwasa agathon basubiriye guhirwa inyuma yaho hatanguriye ivyo guhindura ibwirizwa shingiro.

• Umukuru w’igihugu yarashize ahabona abagiye kugira urwego nyobozi rw’umurwi wigihugu ujejwe gukinga no kurwanya ihonyabwoko ivyaha vyo mu ntambara nibindi vyagahomerabonwa . Urwego mpanuzwajambo rutegerezwa gutanga icegeranyo buri mwaka kunzego zirongoye igihu ,inama nshingamateka na nkenguzamateka . Uwundi murwi umukuru wigihugu yagenye abawugize nurwego rwigihugu rujejwe ubumwe no kunywanisha abarundi.

• Hari abakozi bo munzu bidogera abantu babategeka kurondera ikarata ndangamukozi mu gisagara ca bujumbura.Abo bakwa ayo mahera bemeza ko batazi akamaro kiyo karatakandi banasabwa amafaranga menshi batazi iyaja. Bagasaba kuronswa umuco ku bijanye niyo karata bariko bategekwa kugura.

• murunani CATD rugizwe n’amashirahamwe y’abakozi bo mu nzu bo bavugako iyo karata ndangamukozi yashizweho vyumvikanywe n’abakozi bo munzu co kimwe n’abakoresha. Kubwa Richard Manirambona arongoye urwo runani ngo ako karata karafasha ku mutekano w’abakozi n’abakoresha. Nayo kubijanye n’ ibimaze imisi bivugwa yuko abakozi bo mu nzu bategekwa kwinjira mu mashirahamwe ku nguvu, uwo arongoye urwo runani avugako arabashaka kutorohereza uwo mugambi.

• umukinyi w’umurundi yahoze akina mu murwi wa vital’o Hussein shabani Tchabalala yahora akina mu mugwi w’amagaju mu gihugu c’urwanda yaguzwe n’umugwi wa Rayon sport yo mur’ico gihugu amafaranga y’urwanda imilioni 5.amakuru dukura aho mu rwanda akatumenyeshako uwo mukinyi azoca ahabwa imilioni 2 kugiti ciwe inyuma yo gusinya amasezerano yimwaka ibiri ico bita prime du contrat mu rurimi rwi gifaransa.iyo ekipe ya rayon sport ikazoja iramuhemba ibihumbi 500 vyamafaranga y’urwanda kukwezi nukuvuga ayagera ku muriyoni nigice wamarundi.rayon sport ikaba iriko iragura abakinyi batandukanye mu ntumbero yo kwitegurira ikipe ya hano iwacu LLB bazohura mukwezi kwa kabiri munkino za afrika zihuza imigwi yabaye iyambere iwayo.Hussein shabani Tchabalala akaba asanze abandi bakinyi 3 babarundi aribo Bimenyimana bonfils Caleb ,Shassir Nahimana hamwe na Kwizera pierro.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.