Lundi 16 juin 2025

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo kuwa 18 ndamukiza 2018

18/04/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo kuwa 18 ndamukiza 2018

Inama nshingamateka yemeje kuruyu wa 3 integuro y’itegeko risubiramwo amategeko mpanavyaha code de procédures pénale. Mu ngingo nshansha ziri mu nteguro y’iryo tegeko harimwo ko abajejwe umutekano bazoshobora gukora isakwa mu masaha y’ijoro ku muntu baketseko icaha gikomeye, ikindi naco ngo barashobora kuja guhagarika uwo biketse atamutahe bafise. Kuwo biketse kandiko ariko arategura ubugizi bwa nabi bukomeye abajejwe umutekano barashobora gushira caméra canke ibintu bifata amajwi mukinyegero munzu iwe canke mu modoka agendesha.iyo  nteguro yitegeko rishasha yatowe n’abashingamateka 90 nayo 22 barayihakana

hari ikiziga c’umuntu w’umugabo catowe kumugoroba wo kuruyu wa kabiri kunkengera zikiyaga ca tanganyinka hafi yahahora hakora ibiro vya bunib.amakuru turoka nuko uwo mugabo atawamumenye kuko ikiziga cari catanguye kwononekara.igipolisi hamwe nabajejjwe intwaro muri zone ya ngagara bakaba baciye bakuraho ico kiziga.kikaba kibaye ikiziga kigira gatatu gitowe aho mukiyaga ca tanganyika mukiringo c’indwi zitatu.ico kindi kikaba catowe hafi yubunywero holly beach mu ngagara nyene kandi akaba atawakimenye.

reta y’uburundi irahakana itigeze  ifata ingingo yo kutazosubira kwitaba ibiganiro biyihuza n’abo batavugarumwe .ivyo biri mwitangazo reta yuburundi yaraye ashize ahabona kuruyu wa kabiri.philipo nzobonariba avugira reta yibujumbura akavugako reta icizeye abahuza kandi ko bavugana kugira ibikorwa vyabo ntibihure n’ibindi bikorwa vyateguwe na reta y’uburundi .Ivyo reta y’uburundi ibishikirije mugihe ishirahamwee mpuzamakungu onu hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa afrika boba bafise amakenga ko reta y’uburundi itazosubira mubiganiro biyihuza nabo batavugarumwe cane cane urunani cnared.

Uwuserukira igihugu c’Ubudagi mu Burundi amenyesha yuko ibiganiro bikenewe kugira Abarundi babanze kuvugana kw’ibwirizwa nshingiro rishasha. Thomas Strieder afise amakenga kuri kazoza k’ibiganiro bihuza Abarundi bafashijwe n’umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa kubera Uburundi butazokwitaba ibiganiro imbere y’itora ry’ibwirizwa shingiro. Naho biri uko asaba Abarundi gufata kazoza kabo mu minwe batiriwe barikora ku nzego mpuzamakungu. Thomas Strieder umuserukizi w’Ubudagi mu Burundi, ivyo akaba yabishikirije kuri uyu wa kabiri aho yararamutse agendera ikinyamakuru Iwacu.

abana hamwe n’abakuze basanzwe basegerereza mu mabarabara mu burundi  basabwa kuba bahavuye kuva kuruyu wa kane igenekerezo rya 19 ndamukiza muruno mwaka, ivyo biboneka mwitangazo pasikari Baradagiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yateyeko umukn kuruyu wa kabiri iyo ngingo ikaba iraba  kandi  abagendana ubumuga.iyo ngingo kandi ikaba isabwa kubahirizwa no muntara zo mugihugu hagati n’ayo abajejwe intwaro kuva kuntara gushika kumitumba ya rusasuma kwitegurira kwakira abazoba basubijwe iwabo.muriryo tanganzo ryateweko umukono na pascal barandagiye akamenyeshako inyuma yiryo sango ibihano ruhasha bitegekanijwe

bamwe mubasegerereza hano mugisagara ca bujumbura bamenyeshako itariki ntarengwa bahawe n’ubushikiranganji bwintwaro yo hagati mugihugu yo kuva mwibarabara atayo bazokubahiriza.abo banyagihugu bakavugako batoronka ukwo babeshaho imiryango yabo nacane cane ko bamwe arabapfakazi batagira icepfo caruguru abandi basanzwe bagendana ubumuga.bagasaba ubwo bushikiranganji ko imbere yo kubirukana bobanza kubaha ivyo bakora .

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.