– Inama nshingamateka yemeje kuruyu wa 3 integuro y’itegeko risubiramwo amategeko mpanavyaha code de procédures pénale. Mu ngingo nshansha ziri mu nteguro y’iryo tegeko harimwo ko abajejwe umutekano bazoshobora gukora isakwa mu masaha y’ijoro ku muntu baketseko icaha gikomeye, ikindi naco ngo barashobora kuja guhagarika uwo biketse atamutahe bafise. Kuwo biketse kandiko ariko arategura ubugizi bwa nabi bukomeye abajejwe umutekano barashobora gushira caméra canke ibintu bifata amajwi mukinyegero munzu iwe canke mu modoka agendesha.iyo nteguro yitegeko rishasha yatowe n’abashingamateka 90 nayo 22 barayihakana
hari ikiziga c’umuntu w’umugabo catowe kumugoroba wo kuruyu wa kabiri kunkengera zikiyaga ca tanganyinka hafi yahahora hakora ibiro vya bunib.amakuru turoka nuko uwo mugabo atawamumenye kuko ikiziga cari catanguye kwononekara.igipolisi hamwe nabajejjwe intwaro muri zone ya ngagara bakaba baciye bakuraho ico kiziga.kikaba kibaye ikiziga kigira gatatu gitowe aho mukiyaga ca tanganyika mukiringo c’indwi zitatu.ico kindi kikaba catowe hafi yubunywero holly beach mu ngagara nyene kandi akaba atawakimenye.
reta y’uburundi irahakana itigeze ifata ingingo yo kutazosubira kwitaba ibiganiro biyihuza n’abo batavugarumwe .ivyo biri mwitangazo reta yuburundi yaraye ashize ahabona kuruyu wa kabiri.philipo nzobonariba avugira reta yibujumbura akavugako reta icizeye abahuza kandi ko bavugana kugira ibikorwa vyabo ntibihure n’ibindi bikorwa vyateguwe na reta y’uburundi .Ivyo reta y’uburundi ibishikirije mugihe ishirahamwee mpuzamakungu onu hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa afrika boba bafise amakenga ko reta y’uburundi itazosubira mubiganiro biyihuza nabo batavugarumwe cane cane urunani cnared.
Uwuserukira igihugu c’Ubudagi mu Burundi amenyesha yuko ibiganiro bikenewe kugira Abarundi babanze kuvugana kw’ibwirizwa nshingiro rishasha. Thomas Strieder afise amakenga kuri kazoza k’ibiganiro bihuza Abarundi bafashijwe n’umufasha w’umuhuza Benjamin Mkapa kubera Uburundi butazokwitaba ibiganiro imbere y’itora ry’ibwirizwa shingiro. Naho biri uko asaba Abarundi gufata kazoza kabo mu minwe batiriwe barikora ku nzego mpuzamakungu. Thomas Strieder umuserukizi w’Ubudagi mu Burundi, ivyo akaba yabishikirije kuri uyu wa kabiri aho yararamutse agendera ikinyamakuru Iwacu.
abana hamwe n’abakuze basanzwe basegerereza mu mabarabara mu burundi basabwa kuba bahavuye kuva kuruyu wa kane igenekerezo rya 19 ndamukiza muruno mwaka, ivyo biboneka mwitangazo pasikari Baradagiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yateyeko umukn kuruyu wa kabiri iyo ngingo ikaba iraba kandi abagendana ubumuga.iyo ngingo kandi ikaba isabwa kubahirizwa no muntara zo mugihugu hagati n’ayo abajejwe intwaro kuva kuntara gushika kumitumba ya rusasuma kwitegurira kwakira abazoba basubijwe iwabo.muriryo tanganzo ryateweko umukono na pascal barandagiye akamenyeshako inyuma yiryo sango ibihano ruhasha bitegekanijwe
bamwe mubasegerereza hano mugisagara ca bujumbura bamenyeshako itariki ntarengwa bahawe n’ubushikiranganji bwintwaro yo hagati mugihugu yo kuva mwibarabara atayo bazokubahiriza.abo banyagihugu bakavugako batoronka ukwo babeshaho imiryango yabo nacane cane ko bamwe arabapfakazi batagira icepfo caruguru abandi basanzwe bagendana ubumuga.bagasaba ubwo bushikiranganji ko imbere yo kubirukana bobanza kubaha ivyo bakora .