Vendredi 19 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KUWA 15 MUNYONYO 2017

15/11/2017 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KUWA 15 MUNYONYO 2017

• Iminsi itanu irarumanye umunyororo Juvent Nduwimana yarafungiwe mw’ibohero rikuru rya mpimba atawuzi irengero ryiwe . Mugihe hari abemeza ko uwo munyororo yoba yasohotse iryo bohero ahawe uruhusha munyuma ntiyagaruka. Mu gipolisi c’uburundi no mw’ibohero bobo bemeza ko uyo munyororo, yagirizwa kugira uruhara mw’igandagurwa ry’ababikira batatu ba paroisse Guido Maria conforti yo mu kamenge yoba yavuye m’ur’iryo bohero atorotse mu guca k’urukuta rw’iryobohero ku wa gatanu w’indwi iheze mw’ijoro .

• Umurwi ujejwe kwiga ibizohinyanyurwa mw’ibwirizwa nshingiro warangije ikiringo cawo kuruyu wa 3.Uwo murwi wari washizweho n’umukuru w’igihugu warumaze amaze 6 uriko urakora ico gikorwa.

• Tatien Sibomana umwe mubanyapolitique batavuga rumwe na Leta aranegurako uwo murwi warangije igikorwa cawo utabajije imirwi yose y’abanyagihugu ngo iterere ivyiyumviro k’uvyo hinyanyurwa mw’ibwirizwa nshingiro. Kubwa Tatien Sibomana ngo igikorwa coguhinyanyura ibwirizwanshingiro ntikiriko gikurikiza ineza y’abarundi bose.

• Nayo kubwa Keffa Nibizi arongoye umugambwe Frodebu Nyakuri abonako igikuru aruko ibisabwa kugira ibwirizwa nshingiro rihinyanyurwe vyokwubahirizwa. Kubwuwo arongoye Frodebu Nyakuri ngo uwo murwi ntiwategerezwa kurinda kubaza imirwi yose kuko atategeko rihari ritegeka umukuru w’igihugu kubaza iyindi mirwi mugihe akeneye guhinyanyura ibwirizwa nshingiro.

• Tubibutseko uwo murwi ujejwe kwiga ingingo zohinyanyurwa mw’ibwirizwa nshingiro warangije ikiringo cawo mugihe inama nshikiranganji yamaze kwiga ibiri mucegeranyo cuwo mugwi. Mubirimurico cegeranyo hakaba harimwo ko umukoru w’igihugu yotwara mukiringo c’imyaka 7 hamwe nuko hoshiraho umushikiranganji wambere.

• Radio isanganiro iri mu ndwi yahariye isabukuru yayo y’imyaka 15 kuva itanguye gusamirana mu Burundi. Hari ku wa 18 Munyonyo umwaka w’2002. Abamenyeshamakuru b’iyo Radio baganiriye n’uruganda rw’amakuru y’iwacu bamenyesha yuko isabukuru rishitse bagihura n’intambamyi zitari nke ku rubuga mbere bakavuga yuko mu myaka iheze bakora borohewe gusumba muri kino gihe. Naho biri uko, umuyobozi w’iyo Radiyo sylvère Ntakarutimana avuga ko ata nzu iriko irasha kuko iyo umumenyeshamakuru atoroherejwe ubuyobozi buvugana n’abajejwe intwaro.

• Umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba w’abigeme batarenza imyaka 20 wafashe urugendo ugana igisagara ca Johannesburg muri afrika yepfo aho bagiye gukina urukino rwo gusubiriza mu kurondera itike yo kuja mu g’ikombe c’isi yose kizobera mu gihugu c’Ubufaransa mu mwaka uza.Umumenyereza Daniella niyibimenya w’uwo mugwi akaba yatwaye urutonde rwabakinyi 18. Muribo harimwo kizigenza w’uwo mugwi Asha Japhar hamwe n’umusatirizi falonne Nahimana. Intamba mu rugamba z’abigeme mu rukino rwo gutangura rwabereye i Bujumbura kw’igenekerezo rya 04/11/2017 ikaba yatsinze umugwi nserukiragihugu wa Africa y’epfo witwa Basetsana ibitsindo 2-0.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.