Samedi 20 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KUWA 12 KIGARAMA 2017

13/12/2017 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KUWA 12 KIGARAMA 2017

• Kuruyu wa 2 umukuru w’Igihugu Pierre Nkurunziza yatanguje isekeza ryo gusigurira abanyagihugu integuro y’ibwirizwanshingiro rishasha rigiye kugenga igihugu c’uburundi. Ico gikorwa kikaba cabereye i bugendana mu ntara ya Gitega .
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba yamenyeshejeko ingingo zizohinyanyurwa ari izirimwo utunenge. Akemezako ingingo zijanye n’intwaro ibereye ,Amahoro na démocratie zitazokorwako. Akaba yasavye umushikiranganji w’intwaro yohagati mu gihugu guca akora ikirangamisi cingene abanyagihugu bazobisigurirwa.

• Leta y’uburundi ngo ntiramenya amafaranga akenewe kugira hatunganywe neza amatora yo mu mwaka 2020.Ivyo bikaba bivugwa na Pascal Barandagiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu mugihe kuruyu wa mbere uwo mushikiranganji yamenyesheje ibitigiri vy’amafaranga umurundi azotanga muguterera ayo matora.Uwo mushikiranganji akaba yarahakanye ko udupapuro tuzohabwa abanyagihugu bo hagati mu ntara kuwaterereye ayo matora tutazokoreshwa mukurondera impapuro zisanzwe zisabwa mu ma komine.
Umugambwe Sahwanya Frodebu ubona ko reta yarikwiye kubanza guteza imbere abanyagihugu mu migambi itandukanye imbere yuko ibasba amafaranga y’amatora mugihe ngo cbasanzwe bari mu bukene butagira izina . Leonce ngendakumana icegera c’uwurongoye Frodebu asaba reta kurondera amafarangaahari na caane caane kubafasha uburundi aho ku naniza abanyagihugu .
Mw’ishirahamwe Parcem rihamagarira abarundi guhindura ingendo babonako ibijanye n’uguterera amatora vyabwirizwa kubanza guca mu nama nshingamateka bikirwa. Faustin Ndikumana arirongoye abonako no kuba hashizweho amafaranga umuntu wese azotanga hataramenyekana ayakenewe yose, ari inkurikizi zo kuba bitabanjwe gutegurwa neza.

• Ibinogo rusangi birenga ku majana 3 nivyo vyashikirijwe nabituye umurwi CVR mu ntara ya Rumonge mu minsi 20 iheze nayo abantu barenga ibihumbi 4 nibo bituye uyo murwi mu gihe abangana ku gihugmbi bo batakiriwe naho bashaka kwitura uyo murwi . Abandi bo bavugako batashimye kwitura uyo murwi ujejwe kumenya ukuri nukunywanisha abarundi ngo kuko atasentare yo guhana abakoze ivyaha uyo murwi ufise .
Umurwi w’ukumenya ukuri n’ukunywanisha abarundi CVR wemezako mukiringo c’imyaka 3 umaze uriko urakora umaze gukorera muntara 9. Jean Louis Nahimana arongoye uwo murwi akavugako muntara 6 bahatoye ibinogo vyahambwemwo abantu mu kivunga birenga ibihumbi 2 500. Kubwuwo arongoye uwo murwi ngo hamwe uburyo bukwiye bubonetse igikorwa cabo nticosaba umwanya munini. Akemezako ashima ivyo bamaze gushikako. Jean Louis Nahimana arongoye uwo murwi abishikirije mugihe uwo murwi arongoye usigaje ikiringo c’umwaka 1 gusa.
Ishirahamwe AMEPECI girubuntu rihurikiyemwo abacitse kw’icumu mundyane uburundi bwagiye buracamwo bo bafise amakenga ko uwo murwi CVR uzohava utaronka akaryo ko gushikira abarundi bose bakozweko nayo mabi. Aloys Batungwanayo arongoye iryo shirahamwe akemezako hari abanyagihugu benshi bo muntara umurwi CVR uvugako umaze gushikamwo bidoga bavugako batarabona uyo murwi. Kubwa Aloys Batungwanayo ngo uwo murwi uracafise ibikorwa vyinshi vyogukora. Aloys Batungwanayo.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.