Jeudi 18 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KUWA 1 RUHUHUMA 2018

01/02/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KUWA 1 RUHUHUMA 2018

• Kuruno wa 4 niho hashingurwanye iteka umuvyeyi w’incungu ya démocratie Melchior Ndadaye. Mu birori vyo kumusezera umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yari yahashitse. Uwo muhisi akaba yashinguwe kurugo iwe ruri ku mutumba wa murama muri commune nyabihanga intara ya Mwaro. Abagiye barafata amajambo bakaba bamenyesheje ko uyo muvyeyi asize yaramaze kumenyeshako abishe umwana wiwe ariwe ncungu ya démocratie yabababariye.

Umugambwe Sahwanya Frodebu, incungu ya démocratie Mélchior Ndadaye yarasanzwe aturukamwo, uhamagarira abarundi gukurikiza iryo ragi ryogutanga ikigongwe nkuko umuvyeyi wa Mélchior Ndadaye asize abikoze.
• Muntara ya Ngozi havugwa ingwara ya Malariya ibangamiye abanyagihugu baho. Abantu 9 baramaze kwitaba Imana kubera iyo ngwara kuva ukwezi kwa 1 kwuno mwaka gutanguye. Ubuyobozi bw’’ibitaro bikuru vyaho ingozi bwemezako kuva uyu mwaka utanguye bakiriye abarwayi ba Malariya barenga 400 muribo hakaba hamaze kwitaba Imana 9. Ubwo buyobozi bukavugako butewe umutima uhagaze n’ibitigiri biguma vyiyongera vyabitura ivyo bitaro kubera iyo ngwara. Basba ko ubukari bw’imiti ivura iyo ngwara bwokwongereza kugirango haboneke inyishu kuriyo ngwara yabaye ndase.

• Abarundi bayoboka umwigeme Zebiya Ngendakumana yavugako abonekerwa baba mukarere ka Kamanyola mu gihugu kibanyi ca Congo basaba amashirahamwe y’abagiraneza ko yoja kubafasha aho bari murako karere. Abo barundi basanzwe bavugako bagiye bahunga kubera bazira ukwemera kwabo. Nkuko vyemezwa nabo banyagihugu ngo ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR ryase kubafasha nk’impunzi. HCR rikaba ryafashe iyo ngingo kuko abo barundi base kwandikwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none biometrie kuko ngo ukwemera kwabo kutabibemerera.

• Ishirahamwe rihingura ibinyobwa Brarudi ryadugije igiciro c’ikinyobwa primus ndende. Igiciro ca Primus cavuye kumafaranga 1400Fbu kija kumafaranga 1500fbu. Ishirahamwe Brarudi mw’itangazo ryasohoye rikemezako iduzwa ry’igiciro ca primus rizofasha iryo shirahamwe kwongereza ubushingiro bw’ico kinyobwa hamwe nogushimisha abasanzwe bihereza ico kinyobwa.
Ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO ribonako iryo duzwa ry’ibiciro vy’ico kinyobwa rije gusongera isibe k’ubukene abanyagihugu basanzemwo Pierre Nduwayo arongoye iryo shirahamwe akavuga bizotuma n’ibiciro vy’indi bintu vya nkenerwa bica biduga.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.