Mardi 23 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 4 Ndamukiza, umwaka w’2018

04/04/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 4 Ndamukiza, umwaka w’2018

Leta y’uburundi yagiriza Leta y’urwanda ko yagerageje kwinjiza mu mirwi irwana bamwe mubayoboke b’umwigeme Zebiya Ngendakumana kugira bazoze gutera Uburundi. Leta y’uburundi ibonako imvo zashikirijwe na Leta y’Urwanda kubijanye n’itahukanwa ryabo bayoboke ba Zebiya ari ivyitwazo bidafashe.

Mw’itangazo Leta yasohoye yemezako hari abagabo bagifise inguvu hamwe n’urwaruka rwakuwe kunguvu murabo bayoboke ba Zebiya kugira bagumizwe mu rwanda ntibarungikwe mu burundi. Kubwa Leta y’uburundi ngo abo ngo boba bari batowe kugirango bigishwe ibijanye na gisirikare bazoheze baze gutera uburundi. Aha Leta ikemezako ifatira kuvyo abo batahukanywe bagiye barashikiriza. Aha Leta y’uburundi ikavugako yiyamirije iyo ngendo ya Leta y’urwanda yo gushaka guhugabanya umutekano w’igihugu c’uburundi. Leta y’uburundi ikaba isaba ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR hamwe n’umuryango w’ubumwe bwa afrika y’ubuseruko ko bokwirikiranira hafi impunzi z’abarundi ziri mugihugu c’urwanda.

Ivyo Leta y’uburundi ikaba ibishikirije inyuma yaho abayoboke b’umwigeme Zebiya Ngendakumana barenga ibihumbi 2 bari bamaze hafi imyaka itatu barahungiye mugihugu ca Congo batahukanywe bavuye mugihugu c’urwanda. Leta y’urwanda ikaba yabarungitse isigurako abo barundi base kwemera kwandikwa hakoreshejwe ubuhinga bwa none biometrie hamwe nuko abana babo bacandarwa.

Urunani rw’abigenga amizero y’Abarundi mu ntara ya Kirundo rumenyesha yuko abanywanyi barwo baterwa ubwoba bakerwa ko bazotora « Oya » mw’itora rya kamarampaka ryimirije. Nk’uko vyemezwa n’uwuserukira urwo runani muri iyo ntara yo mu buraruko bw’igihugu, mu makomine amwamwe yayo canecane komine Ntega hari abantu bandika ku miryango y’amazu y’abanyagihugu amjambo « Ego » canke Oya. Oscar Nizigiyima akavuga ko ku miryango y’inzu z’abanywanyi b’urwo runani bavyuka basanga handitse « Oya ». Yikeka ko bigirwa n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi agasaba abajejwe intwaro ko abantu bose bokwubahirizwa mu vyiyumviro vyabo

Abana 3 bitavye Imana bahitanywe n’umuyagankuba kuruyu wa 3. Iryo sanganya ryabereye muri quartier ya Kanyosha muri commune Muha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura. Amakuru dukura aho mukanyosha avugako abo baa bariko bakinira kukuma gafashe kugiti gikwiragiza umuyagankuba muriyo quartier.

Haraye hatewe grenade mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri ku bunywero bumwe buri muri quartier Carama muri commune Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura. Abanyagihugu bari ahatewe iyo grenade bavugako abantu bagera kuri 5 bakomerekejwe n’iyo grenade. Basaba ko umutekano wokwongerezwa muri ako karere kuko atari ubwambere ahari ubwo bunywero hatewe grenade

Ishirahamwe Olucome ryihinze kurwanya abarya ibiturire n’basesagura amatungo ya Leta ryagiriza umushikiranganji ajejwe ubutare n’amasoko ntanganguvu ko yahonyanze amategeko y’igihugu hamwe n’amasenzerano mpzamakungu ajanye no kurwanya igiturire. Gabriel Rufyiri arongoye iryo shirahamwe afatira kumafaranga arenga imilioni 250 y’amarundi aherutse gutangwa n’uyo mushikiranganji muguterera amatora yo mu 2020. Kubwa Gabriel Rufyiri ngo ayo mafaranga yatanzwe n’amashirahamwe yagiye aratsindira amasoko yogucukura ubutare hano mu burundi. Ivyo navyo akemezako bitemewe n’amategeko. Uwo arongoye OLUCOME yandikiye umukuru w’inama nshingamateka amusaba ko yotumako munama nshingamateka uyo mushikiranganji kugira aje gusigura ivyo amwagiriza.

Abashingamateka bemeje ijana kw’ijana integuro y’ibwirizwa rishiraho urwego rw’igihugu rw’abakora ibikorwa vy’ukwitanga mu Burundi. Bamwe mu bashingamateka bashikirije amakenga ku ngingo zimwe zimwe z’iyo nteguro nk’ibijanye n’urwaruka rwokoreshwa mu bikorwa vyo gucungera umutekano. Ariko umushikiranganji w’urwaruka ari nawe yariko arasigura ivyerekeye iyo nteguro y’itegeko yabahumurije ko urwaruka rutazokoreshwa mu nzego z’umutekano.

Umugwi ujejwe gutunganya ihiganwa rya CECAFA ku badashikana imyaka 17 ryo mu 2018 washize ahabona abagize imigwi n’ikirangaminsi c’inkino. Uburundi buri mu mugwi wa mbere Poule A mu rurimi rw’igifaransa. Buri kumwe na Kenya, Somaliya na Ethiopiya. Mu mugwi wa kabiri Poule B naho harimwo Ubuganda, Tanzaniya, Soudani na Zanzibar . Inyuma y’ibirori vy’ukwugurura inkino icese Uburundi buzoca butana mu mitwe n’igihugu ca Kenya ku kibuga c’i Muyinga. Hazoba ari ku wa 14 kw’uku kwezi kwa kane.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.