Jeudi 02 mai 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa mbere Kigarama umwaka w’2017

01/12/2017 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa mbere Kigarama umwaka w’2017

• Ibiganiro hagati y’Abarundi biriko bibera i Arusha muri Tanzaniya birabandanya. Ku musi ugira gatanu biriko biraba hari hitezwe ko haba inama ihuza impande zose ziri murivyo biganiro ariko ntiyabaye. Umurwi ujejwe gushigikira ivyo biganiro wakoze igikorwa cokwegeranya ivyavuye mu mirwi yabari murivyo biganiro aho utegerezwa kugira urutonde rw’ivyo iyo mirwi ihurizako nivyo idahurizako. Inyuma y’aho niho hazoca haba iyo nama yari itegekanijwe.

• Inkuru ziva Arusha zitumenyesha kandi ko hari abari muri vyo biganiro bavugako bafise ubwoba kumutekano wabo kubera ivyo bariko barashikiriza murivyo biganiro. Bagasaba ko batahutse mugihugu umutekano wabo wocungerwa.

• Urwego OPB rujejwe guhanurana hagati y’ibinyamakuru rubonako ibiri munteguro y’itegeko risubiramwo itegeko rigenga urwego CNC ryaraye ritowe nabashingamateka riri murukwirikirana rw ‘ingingo ziriko zifatwa na Leta mukubuza ubwigenge bwokumenyesha amakuru. Innocent Muhozi arongoye urwo rwego,afatira kungingo iri munteguro y’iryo tegeko iha uburenganzira urwego CNC rwokwaka umumenyeshamakuru ikarata y’umwuga mugihe bibaye ngombwa.Umunyororo w’imyaka 25 gushika kuri 30 n’ihadabu y’imillioni 5 ku muntu umwe niwo wasabiwe abanyororo 20 bagirizwa igitero kwikambi y’abasirikare i Mukoni mu ntara ya Muyinga na sentare isubiramwo imanza yo mu ntara ya Ngozi . Igihano gishaka kungana n’ico sentare nkuru ikukira intara ya Muyinga . Urwo rubanza rukaba rw’umvirijwe kuva isaha zine gushika isaha zitanu zijoro . Bitegekanijwe ko Ruzosomwa ku wa 14 Kigarama 2017.

• Bamwe mu bahungutse baba mu bigwati vy’amahoro mu ri komine ya Rumonge baridogera umurwi Cntb ngo ku kuntu ukora ukwega amaguru mu kwiga ama dossier yabo . Ivyo babishikirije mu gihe bariko baruzuza ama fiche yavuye mu murwi wiyungururizo wa Cntb mugabo badashoboye ku menyeshwa ikizokwirikira Abasngwa bo bavuga ko bakwiye gusigurirwa ukungene CNTB iriko iratatura ayo matati ngo kuko atankuru nimwe babifise ko .

• Kuri uyu wa 5 n’umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ingwara ya Sida.Uyu musi ugeze mugihe bamwe mu banyagihugu bahano mugisagara ca Bujumbura bataratahura akamaro ko kuja kwipimisha iyo ndwara. Abaganiriye n’uruganda rw’amakuru y’Iwacu bakaba babonako atawoja kwipimisha mu gihe yumvako amagara yiwe yifashe neza. Ariko hari abandi ataruko babibona babona ahubwo ko arivyiza kuja kwipimisha kugira babeho bazi uko amagara yabo yifashe. Aba ni bamwe mubanyagihugu ba hano mu gisagara ca Bujumbura
• Mu kigo gifasha kinitaho abagendana umugera wa Sida bemezako ibitigiri vyabaja muri ico kigo kwipimisha bikiri hasi. Ubu ico kigo cafashe ingingo yokuza kirishikira mu bibanza bihuriramwo abantu benshi kugira babahimirize kwipimisha. Muganga Gakiza Dorian ajejwe kwitaho abitura ico kigo ahamagarira abanyagihugu kwijukira kwipimisha kuko ngo uwumenye kare ko yanduye Sida bimufasha kugumana umubiri mwiza.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.