Mercredi 24 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa kane nzero 2018

04/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa kane nzero 2018

• Abanyagihugu baba muri secteur kizina ya 1 niya 2 commune Gihanga intara ya Bubanza bavugako bariko bararenganywa n’abantu bashaka kubakura mu matongo yabo kunguvu agahabwa umuntu atazwi.abo banyagihugu bemezako aho bigeze ubu atawugishobora guhonyoza ikirenge mumirima yabo kuko baca batumwako mubutungane aho i bubanza.bakagiriza umushikiranganji w’ubutungane aimé laurentine kanyana kwariwe yatanze itegeko ry’uko bakurwa mumatongo yabo bakanamusaba kubumviriza ngo kugira basubire mumirima yabo Umwe mubarongoye secteur ya kizina aremezako abanyagihugu arongoye bafise ingorane zikomeye.Jean de Dieu Birikunzira agasaba umuhuza w’abarundi hamwe n’umukuru w’igihugu gufata mu minwe ikibazo cabo ngonkuko umushikiranganji w’ubutungane yumvirije uruhande rumwe.akanasaba kandiko ingingo zafashwe n’ubutungane imbere zokubahirizwa kurikira

• Umushishikiranganji w’indero arasaba abarundi kubanza gutohoza imbere yo kwandikisha abana babo canke kwiyandikisha mur’amwe mu mashure akoresha ubuhinga ngurukana bumenyi . Mwitangazo yasohoye umu shikiranganji Janviere Ndirahisha yelmeza ko mu matohoza yakoze yemeza ko Madison international institute and business school itazwi nurwego na rumwe rwa reta zunze ubumwe za amerika . Uo mushikiranganji akavuga ko amatohoza ariko arabanadanya no kuyandi mashure nkayo ari kurubuga mgurukana bumenyi canke mpuzamakungu .

• Umugambwe Uprona urashima ishirwaho ry’umurwi uraba ivy’ ubumwe bw’abarundi n’ugusubiza hamwe n’uwujejwe kurwanya ihonyabwoko. Abel Gashatsi arongoye Uprona avuga ko bijanye n’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’i Arusha. Nayo ku bijanye n’abari muriyo mirwi ngo nabantu bizeye ko bazoshobora kurangura amabanga bashinzwe. Uwo arongoye Uprona abasaba ariko kuzokora bisunze ineza y’abarundi bose.

• Mu mugambwe Sahwanya Frodebu bo bavuga ko ata cizere bafise kuriyo mirwi ngo mu gihe Uburundi busanzwe butari mu bihe vyiza. Kubwa Léonce Ngendakumana icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu ngo ico gikorwa ciyo mirwi cari gikwiye gukorwa n’abantu b’abahumure kandi ataho bahagaze.

• Igipolisi c’uburundi kiremera ko hari abapolisi baherekeza abatoza amafaranga abakozi kugira baronswe ikarata ndanga mukozi .Pieerre nkurikiye avugira igipolisi avuga ko babihanije mbere asaba abakozi boba baratswe amafaranga canke bararenganijwe n’abapolisi kubera ibijanye n’ikarata ndanga mukozi kwitura inzego zigipolisi . uyo avugira igipolisi akavuga ko abapolisi bariko bakora ivyo batatumwe n’igipolisi c’uburundi .

• Imiryango ibiri y’abacongomani igizwe n’abantu 13 yabuze ayicira nayo imira munyuma yukwirikanwa nigipolisi ca tanzaniya ubu ikaba igeze mu Rumonge naho nyene igipolisi kikaba cabirukanye . ubu basaba ubuserukizi bwabo mu burundi n’abagiraneza kubafasha kugira baronke amafaranga y’i ticket basubire mu gihugu cabo .Abakwirikiranira hafi ivy’imigenderanire n’ingenzi bemeza ko habaye amakosa ngo kuko abo bantu birukanywe na Tanzaniya ngo baca bajanwa mu gihugu cabo badaciye mu Burundi .

• umunyamabanga mukuru wa cecafa ari mu rugendo mu gihugu c’uburundi kuva ku usnsi wa gatatu . Nikolas Musonye yaje kugira atanguze icese ibikorwa vyo kwitegurira ihiganwa rya cecafa ry’abatarenza imyaka 17 rizobera mu gihugu c’uburundi mu ntango z’ukwezi kwa kane . uyo munyamabanga akaba ariko agira oingendo ku bibuga bitandukanye nk’ikibuga c’umupia w’amaguru urukundo c’i ngozi ,Umuco c’i Muyinga hamwe nic’i Gitega . UyOmunyamabanga wa cecafa akaba azoraba n’ingene ivy’inzu z’uburaro vyifashie mu gihugu c’Uburundi

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.