Jeudi 25 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 9 Nzero 2017

09/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 9 Nzero 2017

• Ingingo zapfuswe mw’ibwirizwa nshingiro ngo nizari zijanye n’intwaro y’impfatakibanza ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’inama nshingamateka aho yariko ashkiriza ivyahinyanyuwe mw’ibwirizwa nshingiro mu ntara ya Rumonge . abanyagihugu bafashe ijambo bafise amakenga k’uburundi bushobora gusubira mu ntwaro y’umukazo mu gihe ngo inama nshingamateka yagabanijwe ububasha ,amakomine akaba agiye kuramutswa ba musitanteri ,intara nazo zikaba zizorongorwa n’intwazangabo mu gisirikare canke mu gipolisi

• Kubona abaserukira reta baja gusigurira abanyagihugu ibijanye ningingo zahinyanyuwe mwibwiriza nshingiro rishasha basaba abo banyagihugu ko botora ego ngo nibisanzwe kuko no muyindi myaka ariko vyagenze.ivyo bivugwa na Térence ntahiraja umunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu.Nayo mumugwi wigenga ujejwe gutegura amatora ceni baremangako badashoboye kubuza abo baserukira reta kuvuga ivyo ngo kuko atabubasha babifitiye

• Kurivyo mu mugambwe UPD-Zigamibanga bavugako Leta itoreka guhimiriza ko ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ryemezwa. Kubwa Kassim Abdul arongoye uwo mugambwe ngo usanzwe ari umugambi wa Leta nyene. Uwo arongoye uwo mugambwe amenyeshako ataco bivuze kubwabo ngo umwanya niwagera bazoheza bamenye uko bahimiriza abanywanyi babo.Mu mugambwe Sahwanya Frodebu bo bavugako ivyavuzwe n’umuvugizi w’umurwi ujejwe gutegura amatora Ceni vyerekana ko uwo murwi utigenga. Icegera c’umukuru w’uwo mugambwe Léonce Ngendakumana asaba CENI guhagarika ivy’abategetsi bariko baragira bahonyanze amategeko naho bavyanse CENI ngo yoreka n’abandi bakigisha aho bahagaze ku bijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro ry’uburundi .

• Inzu 7 nizo zasambutse ;imirima nayo irononwa n’imvura ivanze n’urubura yaguye ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere muri komine Cankuzo imitumba yababaye n’umutumba wa cankuzo nigice ca muterero .Musitanteri wa komine cankuzo asaba ababishoboye gufasha abanyagaihugu utwabo twononywe n’iyo mvura . Innocent Nyandwi akavuga ahanini imvukira ziyo komiene kugarukira kuri bene wabo bahuye n’ivyago

• intara ya Gitega ikeney amafaranga anagana n’imiliyoni amajana 2 y’amarundi kugira iheraheze ibikorwa vyo kubaka ikibuga c’inkino . Buramatari w’iyo ntara avuga ko bamaze gutoza imiliyoni 40 bakaba baratanguje umugambi wo gutoza amafaranga ama jana 2 k’umuntu abishatse . Venant Manirambona asaba abagenzi b’intara ya Gitega n’ababishoboye guterera kugira ico kibuga kizokwakira inkino za cecafa mu kwezi kwa kane kirangire kugira izo nkino zizo gende neza .

• Ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko bufise ingorane ijanye no gusanisha amategeko n’inzego vyo mu karere. Isabelle Ndahayo akavuga ko Uburundi bwikwega mu gusanisha amategeko n’inzego mu gihe ibindi bihugu vyo muri EAC biba vyitunganije mu gushiraho ayo mategeko n’inzego zimwe ; akavuga nk’urwego rujejwe kugenzura imiti n’ibifungurwa ko bikwije amategeko ko rutarajaho mu gihugu

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.