Jeudi 28 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 9 Ndamukiza umwaka w’2018

09/04/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 9 Ndamukiza umwaka w’2018

• Ubukene bw’igitoro burabandanya kw’ibonekeza mu gisagara ca Bujumbura. ku masitasiyo atari make ntikiharangwa. Aho kiramutse kibonetse, uhasanga imirongo miremire y’imiduga. Abagikeneye ubushikiranganji bubijejwe gukora ibishoboka kugira kiboneke. Ubuyobozi bukuru bujejwe amasoko ntanganganguvu bukamenyesha yuko kiriko kiraza mbere ko ejo ku munsi wa kabiri kizoba cabonetse.

• Uwurongoye urunani rw’abatavuga rumwe na Leta Amizero y’abarundi mu ntara ya Cankuzo yagiriza uwurongoye umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD muri commune Cendajuru Paulin Sindayigaya ko yahaye itegeko abunguruza abantu bakoresheje ipikipiki muriyo commune ko batokwemera kuza barunguruza uyo arongoye urunani Amizero y’abarundi mu cankuzo. Oscar Hatungimana akabonako ari imvo za politique ziri inyuma y’iryotegeko. Agasabako yofatwa kurugero rumwe n’abandi banyagihugu kuko ngo atamvo nimwe yotuma afatirwa ingingo yokutiyunguruza uko avyipfuza muri commune asanzwe abamwo.

• Uwo arongoye umugambwe CNDD-FDD muri commune Cendajuru intara ya Cankuzo yatumenyeshejeko ivyo bishikirizwa nuwo arongoye urunani Amizero y’abarundi muriyo ntara ari ikinyoma. Paulin Sindayigaya agasigurako atanububasha afise bwogutanga itegeko nkiryo.

• Imyaka 9 irarangiye uwahoze ari icegera c’uwurongoye ishirahamwe Olucome Ernest Manirumva agandaguwe. Uwurongoye ishirahamwe Olucome Gabriel Rufyiri amenyesha ko basavye ubutungane gukoresha ivyegeranyo vyatanzwe n’imirwi yashizweho kugira ikore amatohoza y’urwo rubanza. Ariko ubutungane ngo ntavyo bwakoze. Uwo arongoye Olucome agasaba leta gushiramwo inguvu kugira urubanza rw’uwahoze ari icegera c’uwurongoye Olucome Ernest Manirumva ruhere.

• Ama tonnes arenga 300 y’ubutare bita terres rares niyo amaze gushorwa hanze n’ishirahamwe Rainbow Mining Burundi kuva mu kwezi kwa 12 kw’umwaka uheze. Kubwa Gilbert Midende arongoye iryo shirahamwe ngo ama tonnes 25 niyo ashorwa ku ndwi ku ndwi . Uwo arongoye iryo shirahamwe amenyesha ariko ko bifuza kurenza ico gitigiri bashora ku ndwi ku ndwi bagashikana ama tonnes 100.

• Haraye hatowe ibiziga 2 vy’abantu ku mitumba ya Kirama na munyinya yo muri commune Buyengero intara ya Rumonge.Abishe abo bantu ntibaramenyekana. Mugi polisi bavugako batanguye amatohoza. Ishure shingiro ry’i NYARUSANGE ryabomotse umunyeshure umwe arakomereka cane. Yaciye ajanwa kuvurirwa kw’ivuriro ritoyi ry’i Musigati.

• Umwana w’umukobwa w’imyaka indwi kandi yaraye apfuye ahitanywe n’inzu yasidutse Muri Zone Mugongomanga komine mugongomanga nyene, turi mu ntara ya Bujumbura rural. Abandi bantu batatu nabo barakomeretse. Baciye bajanwa kw’ivuriro ritoyi ry’i Mugongo.

• No ku mutumba Nyambuye muri komine Isale, muri iyo ntara nyene uwitwa Yves Nduwayezu n’abana biwe babiri barakomeretse bikomeye basidukiwe n’inzu baca bajanwa kuvurirwa kw’ivuriro ritoyi ry’i Gishingano.

• Ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bumenyesha ko bugiye kugwiza umwimbu w’amafi. Déo Guide Rurema arongoye ubwo bushikiranganji avuga ko bateguye imivyaro y’amafi igera ku bihumbi 150 mu ntumbero yo gukwiragiza mu gihugu cose ubworozi bw’amafi.

• Impunzi z’abarundi zo mw’ikambi y’i Rusenda mu buseruko bwa Kongo ku birometero 60 mu bumanuko bw’igisagara ca Uvira, ubu zireenga ibihumbi 30, zisaba ko zokwimurwa bishoboka zikajanwa mu kindi gihugu.

• Abaserukira izo mpunzi babisavye Filippo Grandi umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu kw’isi ryitaho impunzi, HCR, kur’uno wa gatandatu ariko aragendera iyindi kambi y’abarundi iri ahitwa Mulongwe, ni ku birometero 15 mu bumanuko bw’igisagara ca Baraka.

• Nya mpunzi zemeza ko aho i Rusenda umutekano wazo utifashe neza, ngo havugwa umugwi y’abagwanyi.

• Kubw’uwo aserukira HCR, ngo si ivyimbeshere umutekano muke urafise ingaruka mbi kur’izo mpunzi mbere no ku basangwa, aho mbere benshi muribo bataye izabo.

• Uwo munyacubahiro asaba impunzi z’Abarundi na cane cane urwaruka ko bogumana umwizero, ntibihebure ahubwo bakagira inkomezi gushika aho bazotahukira. Ngo uwo musi uzoshika, ni ukuvyizera.

• Ivyo Umushikiranganji Déo guide Rurema akaba yabishikirije mu kiganiro ku bamenyeshamakuru avuga ivyo bushikiranganji arongoye bwaranguye muri aya amezi 3 ya mbere y’umwaka w’i 2018.

• Mu makuru y’inkino , ihaganwa rikuru ry’umupira w’amaguru Primus Ligue ryarabandanije ku munsi ugira 25 mu mpera z’ino ndwi. Umugwi Vital’O yarirahiye Les jeune mu kuyitsinda ibitsindo bibiri ku busa. Flambeau du Centre nayo nyene yatsinze Inter Star ibitsindo bibiri ariko kuri kimwe. Ngozi City yanganije na Messager Bumbura kimwe ku kindi. Fambeau de l’Est inganya na Delta Star Ubusa ku bundi. Les lierres yatsinzwe na Buja City kimwe ku busa. LLB yanganije na Aigle noir kigitsindo kimwe ku kindi mu gihe Messager Ngozi yatsinze yatsinze Musongati igitsindo kimwe ku busa. Olympic Star yanyagiye Athletico OI ibitsindo bitatu ku busa.

• Mu bijanye n’umupira w’amaguru ukinirwa ku musenyi naho ihiganwa riregereje kurangura. Mu mpera z’indwi yaraye irangiye mu nkino z’igice ca kabiri gishira icanyuma Saga Sable yatsi Mikimba ibitsindo Bitanu kuri bine Capena yirahira Murro Spplies bitatu kuri bibiri. Ku wa w’Imana uza iyo gwi ibiri yatsinzwe izokiranira ikibanza ca gatatu mu gihe urukino rwa nyuma rw’ihiganwa ry’umupira w’amaguru Beech Soccer hataramenyekana umunsi ruzoberako.

• Mu makuru ajanye n’inkino kandi mu mpera z’iyi ndwi nyene harakinywe igice ca nyuma c’agahiganwa ko kwugurura umwaka w’inkino mw’isgirahamwe ry’umupira w’amaboko Baskebatball ACBAB. Ku ruhanda rw’Abagabo, urunani rwatsinze Kern amanota 55 kuri 44 ku ruhande rw’abakobwa Berco Stars yarirahiye Aigle noir amanota 67 kuri 34. Ihiganwa nyezina rizotangura ku ndwi iza itarike 14 mu cicaro ca mbere mu bagabo n’abagore hamwe no mu cicaro ca kabiri mu bagabo gusa.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.