Vendredi 26 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

“INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 7 NTWARANTE 2018”

07/03/2018 Edition : Commentaires fermés sur “INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 7 NTWARANTE 2018”

•Ibirego vyashikirijwe n’abashingamateka b’abarundi bari mu nama nshingamateka ya Africa y’ubuseruko, sentare y’ubutungane y’umuryango wa Africa y’ubuseruko yasanze bidafise ishingiro. Abo bashingamateka bakaba biyamiriza ko itorwa ry’umukuru wa EALA ryoba ritubahirije amategeko ya EAC. Mu ntahe y’icese yo kuruyu wa 2, abo bashingamateka basavye ko ibikorwa vy’inama nshingamatekka y’umuryango wa Africa y’ubuseruko vyohagarara gushika urubanza ruciwe. Naho biruko, sentare yo yasanze ibikorwa vya EALA bitohagarikwa inyuma y’itorwa n’ukurahira kw’umukuru w’iyo nama nshingamateka.

•Mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu bamenyesha ko Reta ifise amakenga ko hari abakozi boba baja kw’ishure mu masaha y’akazi. Naho bemeza ko kwiga mu masaha atari ayo akazi, ku bakozi ataco bitwaye. Arabahumuriza ariko ko ata ntumbero yo guhagarika izo nyigisho ihari. Isidore Ntirampeba, umuvugizi mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba abishikirije inyuma yaho muri ivyo biro bamenyesheje ko hagiye gukorwa urutonde rw’abakozi ba Reta bize intonde z’ivyigwa zitangwa ku mugoroba.

•Impunzi z’abarundi zishika 3000 zari zasavye ubuhungiro ahitwa Kamanyola mu gihugu kibanyi ca Congo ziriko ziraja mu gihugu c’urwanda zivuye aho i Kamanyola. Amakuru dukura murizo mpunzi yemeza ko zafashe ingingo yo kuja mu Rwanda kuko ngo hari umugambi wo kuzigarukana hano mu Burundi. Abo barundi bakaba ari abavuye hano mu Burundi bavuga ko bariko barazira ukwemera kwabo kuko bayoboka umwigeme Zebiya Ngendakumana yavuga ko abonekerwa. Bakavuga ko ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR ryanse kubafasha kuko banse ko bandikwa nk’impunzi hakoreshejwe ubuhinga bwa none biométrique. Ivyo bemeza ko bitajanye n’ukwemera kwabo

•Ishirahamwe rihingura amazi Aquavie ryafashe ingingo yo gukura kw’isoko amacupa y’amazi agera ku bihumbi 4000. Iryo shirahamwe rigasigura ko basanze ayo mazi arimwo ivyunyunyu vyinshi kuruta ibitegekanijwe. Aloys Ndayishimiye, arongoye igisata c’ubudandanji muri iryo shirahamwe arahumuriza abakunzi bayo mazi avuga ko ata ngaruka mbi afise ku magara. Aloys Ndayishimiye ahamagarira umuntu wese yogira amakenga kuri ayo mazi ko yoyajana ku bundandaji bwayo bumwegereye kugira bayamuhindurire.

EAC

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.