Vendredi 29 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 6 NTWARANTE 2018

06/03/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 6 NTWARANTE 2018

• Ibiro vy’icegera ca 2 c’umukuru w’igihugu vyandikiye umushikiranganji ajejwe ivy’indero bimusaba ko afadikanije na mugenzi we ajejwe abakozi n’akazi ko yokora icegeranyo kivuga ibijanye n’ingorane ziva kubijanye n’inyigisho zitangwa mu mashure ya Kaminuza mu masaha yo kumugoroba. Ibiro vy’icegera ca 2 c’umukuru w’igihugu mururwo rwandiko bigafata izo nyigisho ko ari inyigisho zidakurikiza amategeko. Umushikiranganji w’indero asabwa kuba yatanze ico cegeranyo mu biro vy’icegera ca 2 c’umukuru w’igihugu bitarenze igenekerezo rya 15 kuno kwezi turimwo. Muvyo asabwa gushira mu cegeranyo ciwe hakaba harimwo ingaruka inyigisho zitangwa mu mashure ya kaminuza ku mugoroba zigira mubijanye n’akazi ka Leta hamwe n’ingene izonyigisho zotunganywa gushasha.

• Ishirahamwe ryogutumatumanako amakuru Econet Leo rifitiye ikigo c’igihugu OBR kijejwe gutororokanya amakori n’amatagisi ideni ry’ikori ringana n’amafaranga y’amarundi arenga imiliayaridi 74 hamwe n’amafaranga y’ibirarane muvyogutumatumanako amakuru arenga imilioni 31 y’amafaranga y’abanyabulaya. Ikigo OBR kikaba cari cagabishije iryo shirahawe Leo Econet ko ryoba rya rishe ayo mafaranga kugera kuruyu wa 2 igenekerezo rya 6 kuno kwezi turimwo. Amakuru dufise akavugako naho ikiringo OBR cari cahaye iryo shirahamwe cari carangiye kuruyu wa 2, OBR yabaye irabangira gufata ingingo kuko ishirahamwe Econet Leo ririko riravugana na Leta ibijanye nico kibazo.

• Abanyororo 64 barimwo abakenyezi 4 nibo barekuwe kuruyu wa 1 mw’ibohero rya Bururi. Bakaba barekuwe kubera ikigongwe c’umukuru w’igihugu co kuwa 31 kigarama umwaka uheze. Bamwe mubarekuwe bava muntara zakure bagasabako boronswa ubwuryo bwo kwiyunguruza kugira bashike mu miryango yabo. Bamwe mubanyagihugu bafise ababo bapfunzwe nabo babonako ishirwa mungiro ry’ico kigongwe c’umukuru w’igihugu ririmwo utunenge kuko ngo hari abari bakwiye kurekurwa ariko ntibarekurwe. Bagasaba umurwi ubijejwe kubikosora

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.