Jeudi 25 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 6 Kigarama umwakwaka w’2017

06/12/2017 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 6 Kigarama umwakwaka w’2017

• Imbere y’imisi 2 isigaye kugira ngo ibiganiro hagati y’Abarundi bimaze hafi indwi 2 biriko birabera Arusha muri tanzaniya, kuruyu wa 3 umuhuza yabandanije kwakira abaserukira imirwi itandukanye iri muri ivyo biganiro. Uyu munsi hakaba hakiriwe uwurongoye ishirahamwe Parcem,uwurongoye ishirahamwe Olucome hamwe n’uwaserukiye abakenyezi. Mu vyo iyo mirwi yakiriwe yasavye umuhuza harimwo ko hokwubahirizwa amasezerano ya Arusha ikindi bashikirije ngo nuko ubu hataragerako ibwirizwa shingiro rihinyanyurwa. Amakuru ava aho i Arusha akatumenyeshako bitegekanijwe ko umuhuza az guha abari murivyo biganiro integuro y’amasezerano impande zose zokwiyemeza kugira ziyige. Ayo masezerano bakazoyaterako umukono kuri uyu wa 5 ku musi wa nyuma w’ivyo biganiro

• Umukuru w’igihugu yashizeho itegeko ryongera ikiringo c’amezi 6 umurwi CNI ujejwe gutegura amatora. Iryo tegeko ry’umukuru w’Igihugu rikaba ryisunze itegeko rigenga uwo murwi ko ushobora kwongerwa ikiringo c’amezi 6.Ni mugihe uwo murwi warufise ikiringo c’imyaka 5.

• Syndika y’abigisha CONAPES ibona ko ingingo yo kugabanya ikiringo c’uburuhuko kubanyeshure bo mumashure matomato nayisumbuye ishobora kugira ingaruka kubumenyi bw’abanyeshure. Emmanuel Mashandari arongoye conapes akamenyesha ko iyo ngingo iherutswe gufatwa n’ubushikiranganji bw’indero ko ije isongera isibe ku yindi yafashwe yo kungoreza amasaha yo kwigisha ku musi kuko ituma abanyeshure bataronka umwanya wo kuruhuka no gusubiramwo ivyigwa eka n’abigisha ngo bararengewe. Emmanuel Mashandari agasaba ko ubushikiranganji bw’indero bwoshirimbere ibiganiro imbere yo gufata ingingo ku neza ya bose.

• Ingingo yafashwe n’ubushikiranganji bw’indero ivuga ko ibice 2 vy’umwaka w’ishure bigiye kuzomara indwi imwe mu gihe bwamara indwi 2 nayo igice ca 3 ukwezi.

• Abashingwamanza baburanira imiryango yabuze ababo mu ndyane zadutse mu Burundi kuva mu 2015 barashimako Reine Alapini Ganzou wo mu murwi ujejwe amatohoza mpuzamakungu barashimako yatowe kuba umucamanza muri CPI. Lambert Nigarura ari murabo bashingwamanza avuga ko uwo mucamanza azofasha ko ababuze ababo baronka ubutungane kubabo kuko ngo yarasanzwe azi ibijanye namabi yakozwe mu Burundi.

• Umushingamateka w’inama nshingamateka ya Africa y’ubuseruko Pierre Claver Rurakamvye yararashwe n’abagizi ba nabi mw’ijoro ryo kuruyu wa 2 nkuko amakuru ava mu gipolisi abivuga. Ayo makuru amenyesha kandi ko abantu 5 b’aba kongomani bagirizwa ubwo bugizi bwa nabi bahagaritswe. Nayo inkoho yarashe uwo mushingamateka ikaba itararatorwa gushika ubu.

• Hari umuntu yahagaritswe n’igiporisi yagirizwa urudandaza rw’abantu. Mu gipolisi bakamenyesha ko uyo muntu yafatanywe umwigeme yoba yaragiye kugurisha mu mahanga. Pierre Nkurukiye avugira igiporisi akamenyesha ko hari n’ivyemezo vyerekana ingene uwo muntu asanzwe akora yafatanywe.

• Amezi abiri yaraheze iradio Ccib fm+ idakora , urunani rwamashirahamwe y’ubudandaji hamwe n’amahinguriro ngo rwa cumbagira kuko batari bakironka uko bavugana n’abagwiza tunga.ivyo nibivugwa n’umunyamabanga mukuru wa Cfcib.Dénis nshimirimana akaba yamenyeshejeko amakuru bagiye gutanga n’aho azoba yerekeranye n’ibindi bisata ategerezwa kuba afitaniye isano n‘ibijanye n’ubutunzi. Abishikirije inyuma y’ingingo yafashwe na CNC yogusubira kwugurura radio Ccib fm plus yari yafatiwe ingingo yo guhagarika ibiganiro mu kiringo c’amezi3.

• Inama nkuru y’amashengero ya pentecote mu Burundi EPBU yaraye ifashe ingingo yokutemeza amatora yabaye mw’isengero rya pentecote ryo muri komine Nyanza lac mu ntara ya Makamba. Iyo nama ikaba yakuye Pasitori Israel Ndihokubwayo yagirizwako ariwe ari hejuru y’imigumuko iyo nama y’amashengero ivugako yabaye mw’ishengero ryaho i nyanza lac. Uwundi yakuwe nuwitwa Ezechias izimana nawe akaba yagirizwa ko yihaye gukoranya inama idakurikije amategeko yahuje aba pasteur baho inyanza lac. Na pasteur Jonathan Kidebuye yagirizwa ko yiyimitse kuba umwungere waho kuri pentecote ya Nyanza Lac yakuwe murayo mabanga.
• Abo ba pasitori bose bagasabwa niyo nama kuva mubibanza vyose n’inyubakwa zegukira Inama nkuru y’amashengero ya pentecote mu Burundi EPBU.

• Ivyo bibaye inyuma yaho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu yari yasavye iyo nama gufata ingingo zose zishoboka kugira haboneke inyishu ku ngorane zahora zibonekeza muri iryo shengero
• Ubuserukizi bwa Reta zunze Ubumwe za Amerika burashima ibikorwa bwakoreye hamwe n’Abarundi mu bijanye n’ukugwanya indwara ya Sida . Anne Casper aserukira ico gihugu mu Burundi asaba abantu bose gukorera hamwe kugira batuze iyo ndwara bongere bafashe n’abayigwaye Uyo aserukira Reta zunze Ubumwe z’Amerika yemeza ko uwugendana umugera wa Sida ashobora kubaho nk’abandi mbere akanaramba.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.