• Abanyagihugu bo mu ntara ya Bururi barashima ingingo ziherutse gufatwa na bulamatari wiyo ntara kubijanye no gukora imyimenyerezo yo kwinonora imitsi mu mabarabara. Buramatari w’intara ya Rumonge akaba yafashe ingingo yuko atawoja kugira ikarashishi mw’ibarabara yitwaje inkoni canke ikimito. Ikindi naco ngo birabujijwe ko ukwinonora imitsi bikorwa inyuma y’isaha 12 z’umugoroba hamwe n’imbere y’isaha 2 z’agatondo.Iyo ngingo akaba ayifashe mugihe ngo hari hamaze imisi hibonekeza imirwi y’abantu bakora beniyo myimenyerezo bitwaje ibihiri aho mbere ngo wasanga bivyura ukwinubana hagati y’abadasangiye ivyiyumviro vya politique. Bamwe mubanyagihugu bo ngaho muntara ya Bururi bavuganye n’uruganda rw’amakuru y’iwacu barashimako ngo ubu abakora beniyo myimenyerezo bagiye gufatwa kurugero rumwe.
• Ishirahamwe interpetrol risaba Leta ko yoshira mungiro amasezerano yagiranye n’iryo shirahawe kubijanye n’ikoreshwa ry’ivyuma bitanga umuyagankuba. Iryo shirahamwe rivugako Leta y’uburundi yari yaryemereye kuryorohereza mukuronka amafaranga y’agaciro kugirango rishobore kuza riratanga umuyagankuba mu gihugu. Ariko ngo haraheze amazi 6 Leta idashira mu ngiro ivyo yiyemeje. Iryo shirahamwe interpétrol rikamenyeshako hamwe Leta itoba irashira mu ngiro ivyo yiyemeje kugera mu mpera zakuno kwezi ngo birashobora gutuma iryo shirahamwe rihagarika gutanga umuyagankuba mugihugu. Ivyo biruko mugihe bitewe nuko Ishirahamwe rya Leta Regideso ritari rifise umuyagankuba ukwiye wogutanga mugihugu, vyaciye biba ngombwa ko Leta yikora kw’ishirahamwe interpétrol kugirango rizane ivyuma bishobora gufasha mugutanga umuyagankuba mugihugu.
• Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu bumenyesha ko abantu bagera kubihumbi 8 bamenyekanye ko bagwaye ingwara y’igituntu kuva uyu mwaka utanguye. Thadée Ndikumana avugira ubwo bushikiranganji anavugako abantu 400 barwaye muri kino gihe ingwara y’imibembe. Uwo avugira ubwo bushikiranganji yemezako ingwara y’igituntu bikigoye kuyirwanya hano muburundi bitewe nuko hakiri ingwara zidakira zigendana n’igituntu hamwe n’ibindi biyitera nko gufungura nabi kunywa inzoga nyinshi n’itabi bicibonekeza. Avuga ariko ko kubijanye n’ingwara y’imibembe urugamba rwokuyigwanya rugeze kure. Ivyo uwo muvugizi w’ubushikiranganji bujejwe amagara y’Abantu yabivuze mu gihe kuri uyu wa gatanu Uburundi bwari bwifatanije n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahiriwe kurwanya imibembe n’uwahariwe kurwanya igituntu. Ubushikiranganji bukaba butashoboye guhimbaza iyo minsi ku biringo vyayo kubera akazi kenshi.
• Ubushikiranganji bw’ubutare n’amasoko ntanganguvu busigurako ubukene bw’igitoro bumaze imisi bwibonekeza hano mugisagara ca Bujumbura bwatewe nuko bitaboroheye kukironka aho kirangurirwa kuko hari hugaye murikino gihe c’umusi mukuru wa Pasika. Nolasque Ndayihaye umuyobozi mukuru ajejwe ivy’amasoko ntanganguvu murubwo bushikiranganji akemezako igitoro kigiye kuboneka vuba cane .