Jeudi 18 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 5 KIGARAMA 2017

05/12/2017 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 5 KIGARAMA 2017

• Inama ya bose y’abari mu biganiro yatevye iraba kur’uyu wa kabiri naho itamaze umwanya munini . Umufasha mu biganiro vy’abarundi yavuze ko ababajwe nuko ibikorwa vyikwega kubera ukudahuza kwimpande ziri mu matati . Benjamain Mkapa yemeza ko kur’uyu wa gatanu impande zose zitegerezwa gusinya kuvyashitsweko ngo kuko izina ry’ivyashitsweko atari ryo ryoshirwa imbere.

• Ubushikiranganji bw’indero bwafashe ingingo yo kugabanya ivyinfatakibanza ikiringo c’uburuhuko kubanyeshure bo mu mashure mato mato nayisumbuye. Nkuko vyemezwa n’umuyobozi mukuru mu bushikiranganji bw’indero Jeanine Ihorihoze ngo naho itegeko ry’umushikiranganji rishiraho iyo ngingo ritarasohoka,ngo n’ingingo izotangurana n’igice ca 2 c’uno mwaka w’ishure wa 2017 ushira uwa 2018.Iyo ngingo ikaba ivugako uburuhuko bw’igice ca 1 nica 2 bugiye kumara indwi imwe mugihe bwahora bumara indwi 2 nayo uburuhuko bukuru bwahora bumara amazi 2 bugiye kuza buramara ukwezi kumwe.Intumbero ngo niyokwongereza umwanya wogutanga inyigisho mu mashure

• Abantu bitwaje inkoho baraye bateye mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere ku rugo rw’umukuru w’umutumba Mpishi, uri muri komine Musigati, mu ntara ya Bubanza. Umuntu umwe niwe yakomerekeye muri ico gitero. Urugo rwatewe n’abitwaje inkoho bataramenyekana ni urwa MUSAFIRI Paul asanzwe ariwe mukuru w’umutumba Mpishi Nk’uko vyemezwa n’igiporisi, abateye urwo rugo barashe amasasu menshi, ariko ayo masasu akaba atawe yahitanye.Umuntu umwe yakomerekeye muri ico gitero, yitwa MIBURO Wilson asanzwe ari umukozi muri urwo rugo, yakomeretse mu kiganza ubu akaba ariko aravugwa

• Kuri uyu wa gatanu Kigarama ni umunsi mpuzamakungu wahariwe abakorerabushake kw’isi « volontaires » mu gifaransa. Mu Burundi ngwabo bitanga baracari bake kandi itegeko ribagenga ntiriremezwa n’Inama nshingamateka.Urwaruka rwo rubona ko kuba umukorera bushake ari ngirakamaro kubera bibafasha kumenyera no kugira uburambe mu kazi

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.