Jeudi 28 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 4 Kigarama umwaka w’2017

04/12/2017 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 4 Kigarama umwaka w’2017

• Inama ya bose yari itegekanijwe kuri uyu wa 1 hagati y’impande ziri mu biganiro hagati y’Abarundi i Arusha ntiyabaye. Bikaba vyatewe n’uko ibiro vy’umuhuza muri ivyo biganiro bikiriko birashira mu rurimi rw’icongereza ivyavuye mu vyakorewe mu mirwi y’abari muri ivyo biganiro. Amakuru ava aho i Arusha akavugako mu vyasabwe ku ruhande rw’abari muri Leta n’abayishigikiye harimwo ko umuhuza yofasha Leta y’Uburundi mu kurengutsa imbere y’ubutungane abahatswe gutembegaza ubutegetsi mu kwezi kwa gatanu kw’umwaka wa 2015. Nimugihe abatavuga rumwe na Leta bo basaba ko abapfunzwe kubera imvo za politique borekurwa.

• Ikiziga catowe mu ruzi Kinyankonge hagati y’ibarabara ry’umunani n’iryicenda muri zone ya Mutakura, komine Ntahangwa . Yitwa Sandrine Bigirimana, umukobwa w’imyaka 18 yari afise ingorane zo mu mutwe akaba yakunda gusega mu ri zone ya Kamenge y’iyo komine.

• Umuporisi yararashe bagenziwe babibiri mw’ijoro ryakeye hafi isaha zitanu z’ijoro muri zone Kanyosha, ibarabara rya mbere. Nk’uko bimenyeshwa n’igiporisi, amasase yarashe yahitanye ubuzima bw’umuporisi umwe uwundi arakomereka ariko aragerageza kumubuza kurasa. Ivyo vyabaye mu gihe abaporisi bariko barakizura kandi uwo muporisi yari yaborewe nk’uko vyemezwa n’igiporisi.

• Hari umuntu azwi kw’izina rya Méthode Sengiyumva akora akazi k’uburovyi yabuzwe irengero kuva kuri uyu w’Imana isaha zitatu z’ijoro.

• Abanyagihugu bavuga ko ya buzwe irengero igihe yariko aroga mu kiyaga Tanganyika ahitwa kagongo muri zone Kizuka dans la commune de Rumonge.

• Uwurongoye iyo zone avuga ko uwo muntu yoba yasomye nturi muri ico kiyaga naho ikiziga ciwe kitaraboneka. Abanyagihugu bo bakeka ko yoba yatanzweko ikimazi n’abandi barovyi bagenzi we nk’uko ngo bihora bikorwa mu mugenzo wabo kugira ngo bagiye kuroba baronke ifi nyishi.

• Abasuma babiri biba impene baratowe ibiziga mw’ijoro ryo ku wa gatandatu ushira uwa mungu mu ntara ya Bujumbura. Mu giporisi bamenyesha yuko bafatanywe impene zibiri bamaze kuzikerera amazosi. Igiporisi kimenyesha yuko kiriko kirarondera abantu bihaniye.

• Urwego CNC rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora rwafashe ingingo yo kwugara i radio ntumbero FM mu kiringo c’amezi atandatu urwo rwego rwemeza ko iyo radio yahonyanze amasezerano bafitaniye . Uwurongoye uruganda rwo kumenyeshamakuru mur’iyo radio aranegura iyo ngingo agasaba ahubwo urwego CNC gutorera umuti ingorane zugarije iyo radio . Iyindi yafashwe n’urwo rwego ni ukugurura iradiyo CCIB fm plus yari yahagaritswe ikiringo c’amezi atatu kubera inkuru yashikirije .

• Hamaze imisi hibonekeza ikena ry’ikinyobwa ca Amstel ndende hano mu gisagara ca Bujumbura haraciye ikiringo c’indwi. Bamwe mu basanzwe baranguza ico kinyobwa bavugako gushika ubu batazi ico vyavuyeko. Intambamyi nazo ngo ntizibura. Bagasaba ko ico kinyobwa cosubira kuboneka mu gihe hasanzwe hegereje ibihe vy’imisi mikuru.

• Umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba uhejeje kunganya ubusa ku bundi n’umugwi nserukira gihugu muri Cecafa challenger cup iriko ibera mu gihugu ca uganda.Mu rukino rutari rworoshe rwariko rubera kuri Stade ya Kakamega. Turababwira n’ibijanye na rally mu Burundi hamwe na volly ball amakuru y’inkino na desire sindihebura.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.