Vendredi 19 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’iwacu yo ku wa 31 Nzero umwaka w’2018

31/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’iwacu yo ku wa 31 Nzero umwaka w’2018

• Umurwi ujejwe gutegura amatora Ceni warasohoye ku munsi w’ejo urwandiko rwerekana ingene Abarundi bazokwiyandikisha ku matora y’imirijwe. Prosper Ntahogwamiye, avugira uwo murwi avuga ko ico gikorwa kizotangura kwitariki 08 gihere kw’itariki 17 z’ukwezi kwa kabiri ku bibanza vyateguwe n’umurwi Ceni mu gihugu cose eka mbere no hanze y’igihugu. Prosper Ntahogwamiye agasaba Abarundi kwitaba ico gikorwa kizomara umwanya muto

• Reta y’Uburundi iriyamiriza yivuye inyuma Inama Inama yahuje abari mu runani rw’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi Cnared bavuga ko bagiye kurwanya ivy’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro. Thérence Ntahiraja umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu amenyesha ko vyabonetse ko iyo nama yahuje imigwi ibiri gusa kandi ko ata co bazoshikako ngo kuko bitokunda ko bavuguruza ivy’anyagihugu bashatse.

• Hari umusore yaraye ahagaritswe n’umushikiranganji w’ubutungane ubwiwe Aimée laurentine Kanyana.Thierry mutore umusigwa wa Mutore pasteur yahagaritswe igihe abanyagihugu bo muri secteur Kizina bari baje kwitura umuhuza w’Abarundi Edouard Nduwimana kuri uyu wa kabiri.Uwo mushikiranganji yagiriza uwo musore gushaka gu canishamwo inzego z’ubutungane hamwe n’abanyagihugu bo muri secteur ya kizina ku ngorane z’amatongo zirangwa muri ako gace

• Umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo ha gati mu gihugu asigura ko icatumye ikiringo c’umukuru w’igihugu congerezwa, aho cavuye ku myaka 5 kikaja ku myaka 7 mu nteguro y’ibwirizwa nshingiro ngo nuko basanze imyaka 2 ya nyuma, ata migambi y’igihugu iba icitawe aho ngo baca baja mu vyo kwitegurira amatora gusa. Thérence Ntahiraja akaba yavyishuye mu nama yo gusigura ivyahindutse biri mu nteguro y’ibwirizwa nshingiro ku mashirahamwe yigenga n’amadini, yatunganijwe n’ishirahamwe Initiatives et Changement Tugenderubuntu kuri uyu wagatatu.

• Ishirahamwe riharanira gukingira abimukira no kurwanya ibura ry’akazi, New vision for new generation. Risaba Reta y’Uburundi gukora amatohoza ikamenyenya abarundi batwawe kugirwa abaja mu bindi bihugu. Risaba amakungu gukingirab agateka k’abimukira. Ivyo iryo shirahamwe ribishikirije inyuma y’aho igiporisi c’Uburundi gitangarije

• Umuririmvyi Felicien Minani yemezako agiye gushiraho igitabu c’umuziki w’ahano mu burundi Encyclopedie de la musique abicishije mw’ihuriro ryiwe yise Fondation FEMIDEJABA. Uwo mu ririmyi asigurako ico gitabu kizofasha mukumenya kahise k’umuziki w’Uburundi kuko ngo kizoshi rwamwo ubuzima bw’abaririmvyi ba hano mu Burundi.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.