• Uwurongoye umugambwe Ranac Aloys Baricako yarengukijwe kuruyu wa 5 mu rwego rw’ipereza hano i bujumbura . Akaba yumvirijwe mururwo rwego mu kiringo c’amasaha ashika 6. Georges Nikiza avugira umugambwe Ranac akavugako uwo arongoye uyo mugambwe ku rwego rw’igihugu yabajijwe ku migenderanire uwo mugambwe ufitaniye n’urunani CNARED ruhurikiyemwo abanya politique batavuga rumwe na Leta bari hanze y’igihugu hamwe n’ubutumwa msg ngo basanze muri télepfone ziwe ngo buteye amakenga. Imbere yuko arekurwa akaba yamenyeshejweko ashobora kuzosubira kurengutswa. Georges Nikiza avugira Ranac akabonako iryorengutswa ry’urutavanako rimaze imisi rikorerwa uwurongoye uyo mugambwe ari iterabwoba uyo mugambwe uriko uragirwako. Tubibutseko yarengukijwe kuruyu wa 5 mugihe yari yahagaritswe ku musi wa 1 w’indwi iheze ari mu ntara ya Gitega aca aja gupfungirwa mugasho k’urwego rw’iperereza aho i Gitega aho yaraye ijoro rimwe. Muri kino gihe uwurongoye umugambwe Ranac akaba apfungiwe mu rwego rw’ipereza hano i Bujumbura. Akaba yahagaritswe ku mus iwa mbere w’ino ndwi igihe yaragiye kuraba uwurongoye uyo mugambwe Ranac kurwego rw’igihugu aho yarapfungiwe aho i Gitega. Mugi polisi bakaba bamenyeshejeko izo ndongozi z’umugambwe Ranac uko ari 2 ziriko zikwirikiranwa kuri dossier imwe ijanye noguhungabanya umutekano w’igihugu.
• Abantu 5 b’impunzi z’abarundi baritavye Imana kuruyu wa 4 abandi batari bake bataramenyekana igitigiri barakomereka. Bahitanywe n’isanganya ry’imodoka yariko irabatahukana hano mu burundi ibakuye mw’ikambi y’i nduta iri muri tanzaniya. Iryo sanganya rikaba ryabaye bageze ahitwa Ngara mu gihugu ca Tanzaniya. Imvo ryiryosanganya zikaba zoba zavuye ko iyo modoka barimwo yacitse ama file biranka ko ihagarara. Abakomeretse uu bariko baravurwa
• Haribonekeza ubukene bw’igitoro ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo. Haraheze indwi irenga ngo atagitoro kiri ku ma station atandukanye. Aho kibonetse usanga ari ica magendu. Abaca amafaranga mukwunguruza abantu bagasaba reta ko ico gitoro coboneka muriyo ntara kuko batabona ukwo imiryango yabo igiye kubaho. Mu bushikiranganji bujejwe ivy’igitoro batwemereye kuzogira ico babivuzeko mu makuru yacu yohanyuma.