Mercredi 24 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 29 MUNYONYO 2017

29/11/2017 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 29 MUNYONYO 2017

• Ku munsi ugira uwa gatatu w’ibiganirio vy ‘abarundi biriko bibera i Arusha imirwi yari yagizwe n’umufasha w’umuhuza yahiduwe n’impande z’abarundi ziraho muri tanzaniya ,aho zaciye zishiriraho imirwi itanu kandi yose ikazokwitorera abayirongoye babarundi mbere akaba aribo bazoshikiriza ivyo bashitse ko muriyo mirwi .Ni mu gihe umuhuza we yari yashinze imirwi ibiri iyo nayo ikaba yari gufashwa numuntu umwe ibitahurijweko n’abatrundi bitavye ibiganiro .

• Urwego nshingwabikorwa rw’urunani rw’abanyapolitique batavugarumwe na Leta CNARED rwemezako ruzobandanya ihangiro rwihaye ryokunagura amasezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro. Pancrace Cimpaye avugira urwo runani ivyo abivuze mugihe kuruyu wa 2 hatowe indongozi nshasha zurwo runani. Pancrace Cimpaye akavugako inzira ishoboka kugira bashike kuriryo hangiro ari ibiganiro. Tukabamenyeshako Dr Jean Minani ariwe yatowe ngo asubirire Charles Nditije mu mabanga yokurongora urunani Cnared . icegera ciwe cambere akaba ari uwitwa Aline Ndenzako nayo icegera ca 2 ni Pamphile Muderega.Nayo umunyamabanga w’urunani Cnared yatowe ni Anicet Niyonkuru yarasanzwe ari murayo mabanga. Pancrace Cimpaye nawe akaba yongeye kwizegwa mumabanga yokuvugira urwo runani, Urwo rwego rukaba rwashizweho inyuma yaho abahahora bari barangije ikiringo cabo c’amezi 9.

• .Serges Barutwanayo, yahoze ari Musitanteri wa komine Kirundo yaraye yishwe acumiswe imbugita n’abantu bataramenyekana bamutegereye atashe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri,Mu giporisi bamenyesha ko uwo yahoze ari Musitanteri wa komine Kirundo yategerewe n’abantu babiri, bamucumita imbugita incuro nyinshi, nk’uko bibonekera ku kiziga ciwe. Serges Barutwanayo yitavye Imana ariko ajanwa kuvurirwa ku itaro bikuru vy’intara ya Ngozi.Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko umuntu umwe ariwe yafashwe.

• Kuruyu wa gatatu igihe c’isaha umunani niho umugwi nserukiragihugu w’Uburundi wafashe urugendo ugana igihugu ca Kenya kwitabira inkino za CECAFA Senior Challenge Cup zizotangura kuwa 3 Kigarama.

Urutonde rw’abakinyi 20 bagize umugwi uzoserukira Uburundi rukaba rwashizwe ahabona kuruyu wa kabiri ku mugoroba na Alain Olivier Niyungeko, umumenyereza mukuru. Mur’urwo rutonde dusangamwo abakinyi 10 bakina muri Primus League, abakinyi 7 bavuye mu gihugu c’Urwanda, umukinyi 1 yavuye muri Kenya, 1 yavuye muri Tanzania na Abdulk Razzak Fiston ata masezerano afitaniye n’umugwi n’umwe mur’iyi misi.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.