Jeudi 25 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 28 Munyonyo umwaka w’2017

28/11/2017 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 28 Munyonyo umwaka w’2017

• Ibiganiro hagati y’Abarundi biriko bibera I Arusha muri Tanzaniya vyuguruwe icese ku muhingamo wo kuri uyu wa 2. Ivyo biganiro bikaba vyuguruwe abamenyeshamakuru basohowe. Bakaba batemerewe gukurikirana ibihavugirwa. Ibiganiro bigira kane bikaba bitegekanijweko bizorangira hatewe umukono ku masezerano nk’uko biri ku rutonde y’ibizokorwa mu minsi ivyo biganiro bizomara . Nk’uko biboneka mu ngingo ya gatandatu y’ibizokwirwa harimwo kwumvikana kuri Reta ihurikiyemwo bose . Bamwe mu banyepolitike bitavye ivyo biganiro ntibahuriza kuriyo Reta . Mu gihe Umunyepolitike Evaritse Ngayimpenda yemeza ko iyo Reta yoshigwaho Jacques Birimana we arongoye Fnl suko abibona .

• Urunani rw’abanyaporitike batavuga rumwe na Reta bari hanze y’igihugu Cnared rusaba umuhuza mu biganiro hagati y’abarundi ko yohagarika ivyo biganiro biriko biraba bikazoba kurindi sango yabanje kuvugana n’aberwa nivyo biganiro bose uko vyogenda. Pancrace Cimpaye avugira urwo runani akabonako ivyo biganiro biriko biraba bikumira uruhande rw’abatavuga rumwe na Reta. Akavugako barungikiye ikete umuhuza muri ivyo biganiro rimubwira ivyokorwa kugira habe ibiganiro bitora inyishu ku bibazo biri mu Burundi. Pancrace Cimpaye avugira Cnared.

• Amashirahamwe ahurikiyemwo abatwa mu Burundi ntiyizeye Abarundi batumiwe muri ivyo biganiro.
Basaba yuko botumirwa bakaja gushikiriza ivyiyumviro vyabo kuko no mu biganiro vyabaye imbere batigeze batumirwa ahubwo ngo bagumye bakumirwa. Umushingamateka Emmanuel Nengo aserukira urunani mpuzabatwa Uniproba yabishikirije kw’izina ry’ayo mashirahamwe mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri

• Abana 2 bapfuye, abantu bashika 10 barakomereka bahitanywe n’isanganya ry’umuduga. Iryo sanganya rikaba ryabaye mu gitondo co kuri uyu wa 2 hafi y’ahitwa iwabo w’abantu. Mu gipolisi bakavuga ko uwo yagonze abo bantu yaciye ahunga akiriko araronderwa . Muvy’umutekano kandi havugwa umuntu w’umugabo yitavye Imana muri karatiye ya Bwiza mu gisagara ca Bujumbura. Imvo z’urupfu rwiwe zikaba zitaramenyekana . Umuvugizi w’igipolisi akavugako uwo muntu yitavye Imana ari ku rugo rw’umwigeme bariko bakorana ubusambanyi. Uwo mwigeme akaba yahagaritswe ku mvo z’amatohoza.

• Umukuru w’igihugu c’Uburundi yatanguje icese umugambi wokwagura no guteza imbere Igisagara ca Bujumbura. Umugambi uzoshika mu mwaka w’2045 ukaba ari uwo kwubaka amagorofa maninimanini kandi meza hano mugisagara ca Bujumbura hamwe no kwubaka amabarabara maini manini. Aho ni ntara za Bubanza na bujumbura rural zizoshikirwa n’iryo terambere.Uwo mugambi ukazosaba uburyo bwinshi aho umukuru w’igihugu yasavye umwe wese kugira ico aterereye .Umushikiranganji ajejwe gutunganya ibisagara, Célestin NDAYIZEYE akavuga ko ata bantu baba mu gisagara ca Bujumbura bazokurwa mu twabo kubera uyo mugambi.

Abarovyi bane b’Abarundi bari bafashwe n’igisirikare c’urwanda ubu barekuwe. Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi Pierre Nkurikiye,akemeza ko abo barovyi baborejwe igufa. Abo barovyi banyurujwe ku munsi wa gatanu,iginekerezo rya 24 munyonyo nk’igihe c’isaha cumi n’imwe zo mugitondo, mu gihe bariko bararoba mu kiyaga Rweru, komine Giteranyi iri mu ntara ya Muyinga. Hakaba hari hafashwe abarovyi batandatu mu ntango ariko babiri bakaba baciye barekurwa nk’uko vyemezwa n’igipolisi c’Uburundi

Hari imodokari yo mu bwoko bw’icamion yaraye ifatiwe mwijoro ryakeye ku mutumba Nyuro muri komine Gisagara mu ntara ya Cankuzo ipakiye amatoni 12 y’ikawa yumye iyijana mu gihugu ca Tanzaniya. Amakuru ava aho i Muyinga akemezwa n’igipolisi yemeza ko nyene iyo kawa yaciye atungwa n’ayo yameze ariko umushoferi n’uwumwunganira bakaba barafashwe ubu bakaba bapfungiwe mu gasho k’igipolisi aho mu cankuzo hamwe n’iyo modoka n’ivyo yari ipakiye.

Mu ntara ya Gitega abatari bake cane cane urwaruka baranegura inyandiko n’amasanamu bica ku mbuga ngurukanabumenyi atyoza canke acanashimwo abantu. Ku bwabo amakuru ywacu yegereye bavugako inyishu yugutuza izo nyandiko afi kureka kubihanahana .

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.