Vendredi 19 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 24 RUSAMA 2018

24/05/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 24 RUSAMA 2018

•Urunani rw’abigenga batavuga rumwe na leta Amizero y’abarundi rwituye sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ruyisaba kutazokwemeza ivyavuye mu matora ajanye no guhinyanyura ibwirizwa nshingiro. Pierre Celestin Ndikumana arongoye umurwi w’abashingamateka batowe muri urwo runani asigura ko bituye iyo sentare kuko ayo matora yaranzwemwo utunenge tw’umurengera.

•Hari umuntu yaraye yishwe ahitanywe n’igitero c’abantu bitwaje ibirwanisho. Ico gitero kikaba cabaye mw’ijoro ryo kuruyu wa 3 mu bunywero buri ku musozi Donge-Burasira, uri muri komine Mugamba, mu ntara ya Bururi. Amakuru dukura mu banyagihugu bo muriyo komine avuga ko abo bagizi ba nabi bari baje kwiba baca bategeka abari muri ubwo bunywero kuryama hasi ari naho haca haraswa uwo muntu. Uwo yishwe rero akaba asanzwe ari umumenyeshamana kuri paroisse ya Mugamba.

•Hari bamwe mu rwaruka ruhurikiye mu mugambwe Cndd-Fdd bacungereye amatora yo kwemeza canke guhakana ibwiriza shingiro rihinyanyuwe hano mugisagara ca Bujumbura bemeza ko agahembo bemerewe katariko gatangwa neza kuko hari bamwe bahawe ayo mahera abandi ntibarabona n’ifaranga.Urwo rwaruka rugasaba abatwara umugambwe muri Mairie ya Bujumbura ko bobafasha kugira batunganirizwe.

Tukaba twagerageje kurondera uwurongoye umugambwe Cndd-Fdd mu gisagara ca Bujumbura kugira agire icabivuzeko turamukena.

• Umurwi wa messager ngozi uhejeje kwongereza amahirwe yo gutwara igikombe c’ihiganwa primus ligue kuko uhejeje kwirahira mukeba wayo llb ibitsindo 2 kuri 1. Naho hasigaye urukino rumwe ntawovuga ko birahera kuko messager ngozi isigaje urukino rukomeye aho uzohura na olympic star mu mpera ziyi ndwi ku musi w’Imana kuri stade umuco.llb nayo ikazokina na delta star yo mu Gatumba.Umurwi wa messager ngozi ukaba uza mu kibanza ca mbere n’amanota 69 , llb ifise amanota 66 mu gihe murundi rukino rwabaye umurwi wa messager Bujumbura wirahiye flambeau du centre 1-0 iba ibonye amahirwe yo kuguma mucicaro ca mbere.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.