Jeudi 25 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 23 RUSAMA 2018

23/05/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 23 RUSAMA 2018

• Urwego nshingwantwaro rw’inama nshingamate y’ibihugu vya afika yasozereye inama igira 72 yarimaze imisi ibera hano mugisagara ca bujumbura,mwitangazo basohoye kuruyu wa gatatu bamenyeshako basanze ibijanye n’umutekano hamwe nibijanye na politique vyateye intambwe ugereranije no mumwaka wa 2015 bakamenyeshako badatahura abagenda bakwiragiza ibihuha ko muburundi ibintu biriko birayangara. Abo bashingamateka basanga kuba ibihugu vya bulaya bibandanya ibihano vyafatiye uburundi ari akarenganyo gakoregwa reta y’uburundi n’abarundi muri rusangi, mukurangiza iryo tangazo barashima ko amatora yo kuwa 17 rusama yagenze neza bakemezako kandi imigenderanire iyo nama nshingamateka ifitaniye nuburundi izokomeza kurusha.

• Umugwi ujejwe kumenya ukuri n’ukurekuriranira, CVR ugiye gutangura igikorwa kijanye no kumenya abakoze ivyaha n’ingene vyitwa, ivyaha vyakozwe mu ntambara zaciye mu gihugu. Nkuko bivugwa na Musenyeri Jean Louis Nahimana arongoye umugwi CVR, ng’inyuma yo kwakira abituye uyo mugwi barenga ibihumbi 70, ngo ivyo bashikirije nivyo bazokoresha mur’ico gikorwa gishasha co kumenya abagize uruhara ku mabi no guha izina ivyaha vyakozwe.

• Naho umukuru w’umugwi Cvr avuga ko bafise ububasha bwo kuvuga ingene ivyaha bikabije vyitwa, Laurent Nzosaba, umwigisha muri kaminuza y’Uburundi we siko abibona. Ngo sentare mpanavyaha mpuzamakungu ku Burundi niyo yonyene ifise ubwo burenganzira nkuko biri mu masezerano yi Arusha.

• Urwego rujejwe gucungera uko ibimenyeshamakuru bikora CNC rwafashe ingingo yo gukura ibihano rwari rwafatiye ikinyamakuru le Renouveau. Ibihano vyahagarika mu kiringo c’amezi 6 igisata kijejwe amatangazo. Mu kiganiro yatanze ku bamenyeshamakuru, Ramadhan Karenga arongoye CNC yamenyesheje ko ico kinyamakuru cemeye ivyo cagirizwa congera ciyemeza gukurikiza impanuro cahawe na CNC. Uwo arongoye CNC yamenyesheje kandi ko ibihano vyafatiwe ama radio mpuzamakungu VOA na BBC vyo bikibandanya. Akaba yamenyesheje ariko ako abarongozi bayo ma radio bategekanya kurungika imirwi idasanzwe kugira barabire hamwe ikibazo cayo ma radio.

• Ishirahamwe mpuzabatwa Uniproba rivugako rirajwe ishinga n’ubwicanyi bukorerwa abanyagihugu bo mubwoko bw’abatwa murino misi mu ntara zitandukanye z’igihugu. Emmenuel Nengo aserukira imbere y’amategeko Uniproba afatira k’umutwa yishwe aca atorwa ikiziga ku mus iwa 5 w’indwi iheze mu ntara ya Karusi. Ubwicanyi nkubwo ngo buribonekeza no muzindi ntara nka cibitoke na Gitega. Akavugako abicwa akenshi bagirizwa ubusuma ariko ugasanga atanivyemeza bihari ko baba bivye. Uyo aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe Uniproba anegurako abajejwe intwaro n’umutekeno ataco bakora kugirango bakingire abatwa

• Kuva kw’igenekerezo rya 21Rusama ibitaro vya hano mu gisagara ca Bujumbura CMCK biriko birakira abarwayi bafise ingorane zijanye nomubihimba bisohora umwanda muto hamwe no mubihimba vy’irondoka urologie mururimirw’igifaransa. Umuhinga mukuvura izongwara yavuye mubuhindi akaba ariwe apima akongera akavura abafise izo ngwara. Muganga Jean Claude Mbonicura ajejwe ivyubuvuzi kurivyo bitaro yemeza ko abarwayi bashika 200 biyandikishije kugira bapimwe bngere bavurwe. Jean Claude Mbonicura akemeza ko atabaganga babarundi bahari bafise ubuhinga mu kubaga benizongwara arinaco gituma ngo haza uyo muganga w’umuhindi buri mwaka incuro 3 canke 4.Uyo muganga yavuye mubuhindi azokwakwira abivuza izongwara kugera kw’igenekerezo rya 26 kuno kwezi.

• Ihiganwa ry’umupira w’amaguru primus lique rirabandanya mu cicaro cambere kumusi wa 29 , umugwi wa uhejeje ngozi city uhejeje kwirahira umugwi wa inter star 1-0 hariya kukibuga cibuye mu ntara ya ngozi.ukwo biboneka nukwo umugwi wa inter star ushobora kuba uraye mu cicaro ca kabiri mugihe hasigaye urukino rumwe.muzindi nkino zabaye flambeau de l’est yanganije na atletico olympic 1-1.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.