Vendredi 29 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 2 NTWARANTE 2018

02/03/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 2 NTWARANTE 2018

• Musitanteri wa commune Kiremba iri mu ntara ya Ngozi yarahagaritswe kuruyu wa 4. Yahagaritswe kwitegeko ry’umushikirizamanza muriyo ntara. Ubu akaba apfungiwe mw’ibohero ry’ingozi. Umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa Agnès Bangiricenge yemezako uwo musitanteri apfunzwe yagirizwa ko yashatse guhungabanya umutekano w’igihugu. Nayo kumakuru avugako uwo musitanteri yoba ariko akwirikiranwa kuko yashatse kwica umukuru w’igihugu, uyo avugira sentare ntahinyuzwa ntaco yashimye kubivugako.

• Abigisha 13 bo kw’ishuri ryisumbuye rya murambi riri muri commune Gatara muriyo ntara ya Kayanza bahagaritswe mugatondo ko kuruyu wa 5. Abo bigisha bagirizwako bakubise umuyobozi wiryo shure Cyriaque Ndayizeye kumuhingamowo kuruyu wa 4. Amakuru dukura aho i Gatara avugako intandaro yavyose kwoba aruko abo bigisha batumvikanye numuyobozi wabo kubijanye nitunganywa ryiryo shure igihe bari muna ma ijanye n’ishure.

• Amabendera y’imigambwe Ranac na Cndd irongowe na Leonard Nyangoma yaribwe muriyi ndwi turiko turarangiza muri zone ya Minago ni mu ntara ya Rumonge. Umukuru wa zone Minago amenyesha ko muriyo zone hamaze imisi harangwa ubusuma bwinshi harimwo nubwo mu mazu. Abarongoye iyo migambwe basaba ko hokorwa amatohoza bakamenya abivye ayo mabendera.

• Bamwe mu bigisha baridoga ko batararonka agashahara kabo kuva mukwezi kwa 12 kw’umwaka uheze. Abo bigisha bakaba bari mubigisha bari bahinduriwe aho bakora ariko munyuma bakaja gusaba umurwi ubijejwe ko wobasubiza aho bahora bakora bitewe nuko bari bakwije ivyafatirwako kugirango umwigisha ntahindurirwe aho yakora. Umwe murabo bigisha bavugako batararonka agashahara kabo agasaba umushikiranganji ajejwe ivy’indero ko yofata mu minwe ikibazo cabo bigisha

Mu bushikiranganji bujejwe indero bahamagarira abo bigisha bavugako bafise ibibazo ko bokwitura ubwo bushikiranganji kugira bamenyeshe ibibazo vyabo. Ababijejwe ngo bazoheza bige ikibazo cumwumwe wese.

• Bamwe mubanyeshure bo muri kaminuza y’uburundi basaba leta ko itoshira mungiroo ibijanye nogutunganya gushasha agafashanyo gahabwa abo banyeshure bourses. Babivuze inyuma yaho kuruyu wa 4 umuyobozi wa kaminuza y’uburundi ariko aratanguza umwaka w’ishure wa 2017 ushira uwa 2018 mri kaminuza yamenyeshejeko uyu mwaka hazoshirwa mungiro iryotunganywa rishasha ry’ako gafashanyo. Umwe mubanyeshure bo muri kaminuza akavugako iyo ngingo itorohereza abanyeshure. Uyu numwe mubanyeshure bo muri kaminuza y’uburundi

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.