Vendredi 29 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 17 RUSAMA 2018

17/05/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 17 RUSAMA 2018

• Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre Nkurunziza, arashima yuko Abarundi basidukanye n’iyonka mu kwitaba kamarampaka yo kuri uyu wa 17 Rusama. Ku bwiwe rero ni ikimenyetso c’uko banyuzwe no gukunda igihugu. Ashima kandi yuko Itora ry’abaye mu mahoro n’umutekano akizera ko Abarundi bose bazoshima ibizoba vyavuye muri iryo tora kuko ngo ryariko riba ku mugaragaro. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yabishikirije mu gatondo ahejeje gutora ku mutumba wa Buye muri komine Mwumba asanzwe avukako

• Icegera cambere c’umukuru w’Inama nshingamateka Agathon rwasa nawe nyene yatoreye ku mutumba wa Ciri yavukiyeko, muri komine Kiremba intara ya Ngozi nyene. Ivyo ngo yabikoze kugira yerekane ko adatinya amatora. Amatora yemeza kandi yibonekejemwo utunenge tutari duke.

•Mu gisagara ca Bujumbura abanyagihugu bazindutse baja gutora, itora ryagenze neza muri rusangi ku biro vy’itora uruganda rw’amakuru y’Iwacu rwashoboye gushikako. Ahenshi, bikaba vyabonetse ko abatoye Oya basumvye abatoye Ego. Ngaho havugwa umuntu yahagaritswe yagirizwa guhungabanya ibikorwa vy’abaharura amajwi, hatowe n’ikarata batorerako ya Magendu .

• Nomuburaruko bwigisagraca ca bujumbura amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha yitabwe nkahandi muugihugu.icibonekeje kubibanza bimwe bimwe haraho wasanga batoye ego iza imbere ahandi oya ikaza ubwambere.nutunenge ntitwabuze , nkomuri zone ya kamenge hari umuntu yafashwe atabuye ikarata yiwe yo gutorerako acaja gufungwa.hari kandi nabanyeshure bankiwe gutora ngo nuko batiyandikishirije kurivyo biro vyamatora kandi bafise ibikwiye kugira batore kubwabo bakabona ko barenganijwe kuko bagiye kwiyandikisha bari mu buruhuko.

• Mu ntara ya Bubanza ahatari hake mu bureau vyo gutoreramwo igikorwa coguharura ivyavuye mu matora cari carangiye mu masaha y’isaha 12 z’umugoroba. Aho twaciye utunenge twibonekeje mu gikorwa coguharura nuko abariko barakora ico gikorwa batumvikana ku tumenyetso twari twemerewe gukoreshwa n’uwaba ariko aratora mukwerekana ico yatoye hagati ya Ego na Oya.

• Mu Rumonge, turi mu bumanuko bw’igihugu, haharuwe amajwi, ku bibanza vy’itora bimwe Ego yatsinze ku bindi Oya iratsinda ku buryo ata woshobora kumenya ikizotsinda ikindi

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.