Samedi 20 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 17 NDAMUKIZA 2018

17/04/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 17 NDAMUKIZA 2018

• Abantu batatu baraye bapfuye abagera kuri bane barakomereka mugitero cakozwe n’abantu batashoboye kumenyekana hagati y’imitumba ya kagwema hamwe na gihungwe muri komine gihanga intara ya bubanza kuruyu wa 1. Amakuru avaho akemezako igitero cabaye kuva isaha zibiri zirenga gato abo bateye bakaba basubiye inyuma bamaze iminota irenga 30 barasana n’abasirikare bari kubirindiro biri murako gace

Human Rights Watch ririyamiza ihohoterwa rimaze imisi rikorerwa abatavuga rumwe na leta. Mw’itangazo ryasohoye kuruyu wa 2, iryo shirahamwe ryemeza ko abantu 19 bamaze guhohoterwa kuva mu kwezi kwa 12 kw’umwaka uheze. Human Rights watch ikavuga ko bazira kuba badashigikiye ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro. Iryo shirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu rigasaba ubutungane bw’uburundi gukora amatohoza kurayo Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka kazina muntu

• Ubuserukizi bw’ubudagi hano mu burundi bwemezako igihugu cose gifise uburenganzira bwokubaza abanyagihugu bakemeza canke bagahakana ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro. Thomas Strieder aserukira ubudagi hano mu burundi ivyo yabishikirije mu rugendo yagize kuruyu wa 2 mu kinyamakuru Iwacu. Akaba yariko yishura ku kibazo kijanye ningene ubudagi bubona ibijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro hano mu Burundi. Uwo aserukira ubudagi akavugako igikenewe cane aruko abarundi bose boronka uburenganzira bumwe mugushikiriza aho bahagaze mukuvuga ego canke oya kubijanye niryo hinyanyurwa.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.