Vendredi 19 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 14 RUSAMA 2018

14/05/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 14 RUSAMA 2018

• Kuruyu wa 1 niho abanya politique bari bamaze indwi 2 bakora imyiyamazo ijanye n’amatora yokwemza canke guhakana ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro barangije ico gikorwa nkuko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu rihamagarira gukora iyo myiyamamazo.

Umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD ukaba warangirije imyiyamazo yawo ihamagarira abarundi bose kuzotora ego hano mu gisagara ca Bujumbura. Umunyamabanga mukuru w’uyo mugambwe Evariste Ndayishimiye akaba yaneguye abavugako umugambwe uri k’ubutegetsi muguhamagarira kuzotora ego utemera amasezerano ya Arusha. Kubwa Evariste Ndayishimiye ngo umugambwe cndd-fdd niwo ahubwo washize mungiro ingingo ziri murayo masezerano.

urunani amizero yabarundi nabo basoreje imyiyamamazo yo kuzotora oya mu ntara ya gitega, amakuru avaho igitega akavugako iyo myiyamamazo yatanguye itevye ngo kuko bari batewe ubwoba

• Umuntu umwe yarishwe abandi 3 baraburwa irengero biturutse ku mishamirano hagati y’abanywanyi b’urunani amizero y’abarundi n’urwaruka rwegukira umugambwe uri ku butegetsi. Hari ku mugoroba wo kuruyu w’Imana muri komine Ntega muriyo ntara. Oscar Nizigiyimana arongoye urunani amizero y’abarundi mu ntara ya Kirundo avuga ko ivyo vyabaye mu gihe abanywanyi b’urunani amizero y’abarundi bari bavuye mu myiyamazo ku mutumba wa Kigari uri muri zone Ntega. Asaba rero abajejwe intwaro n’ubutungane guhana abakoze amakosa.

• Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora Ceni uhamagarira abantu bose batashoboye kuronka amakarata y’itora kuzoja kuyatora ku biro vyuyo murwi ku rwego rwama komine Ceci kuva kuruyu wa 1 gushika ku musi wa 3. Uwurongoye umurwi Ceni Pierre Claver Ndayicariye yamenyesheje kandi ko kubabuze amakarata yabo bari biyandikishije, ngo ku musi w’amatora bazoja gutora bitwaje agapapuro kerekana ko biyandikishije récépissé ariko ngo bazobanza kwerekana ikarata karangamuntu. Anasaba kandi abakozi ba Ceni kuzokworohereza abazoba bavyerekanye.

mumugambwe sahanya Frodebu barashima iyo misi yongerejwe ariko bakanegura ingingo yokuja gutora ufise récepissé gusa.phénias Nigaba avugira uwo mugambwe akavugako hari uwuzotora kabiri canke gatatu kuko benshi bashobora kwitwazako atakarata yitora batoye.aranasaba ko

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.