• Umurwi w’abashingamateka batowe mu runani rw’abatavuga rumwe na Leta Amizero y’abarundi bemezako abantu 3 bayoboka urwo runani bakubiswe barakomereka mugatondo ko kuruyu wa 5, umushingamateka Bernard Ndayisenga yatowe muri urwo runani nawe arakubagurwa. Ivyo bikaba vyabereye muri zone ya Kanyosha iri muri commune Muha hano mu gisagara ca Bujumbura. Abo bashingamateka bakaba bagiriza umurwi w’abantu bavugako ari urwaruka rw’imbonerakure rwegamiye umugambwe uri k’ubutegetsi CNDD-FDD ko aribo bakubise abo banyagihugu bongera bakubagura uwo mushingamateka. Ido n’ido na Christine Kamikazi
• Ivyo vyatumye igikorwa cari gitegekanijwe munama nshingamateka kuruyu wa 5 cokwiga integuro y’itegeko risubiramwo itegeko rigenga abamenyeshamakuru kitaba. Ico gikorwa kikaba casivye kuko igitigiri cabashingamateka basabwa kugirango hirwe itegeko kitarigikwiye. Abashingamateka batowe mu runani Amizero y’abarundi siho bari bari bagiye kuraba uyo mugenzi wabo bavugako yakubaguwe. Umukuru w’Inama nshingamateka Pascal Nyabenda akaba yaneguye ingendo yabo bashingamateka kuko ngo bitari ngombwa ko bose barinda kwishikira ahari habereye ico kibazo kuko ngo hari ibindi bikorwa bategerezwa gukora mu nama nshingamateka.
• Mumugwi w’abashingamateka batowe mu runani Amizero y’abarundi basigrako batari gushobora gukwirikirana ivyo bikorwa vyari bitegekanijwe munama nshingamateka ngo mugihe babonako ubuzima bwa mugenzi wabo bwari bubangamiwe.
• Abantu 2 barafungiwe mugasho k’igipolisi ca komine ya Rumonge. Bakaba bagirizwa kugira amanama mu kinyegero bahamagarira abantu kuzotora oya mu matora y’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro. Imiryango yabo ikamenyesha ko abo bantu bariko barafatwa atakindi bazira atari ivyiyumviro vyabo vya politike.
• Umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora Ceni umenyesha ko imigambwe hamwe n’abigenga, bose hamwe 27 aribo biyandikishije ngo bazoje kwiyamamaza mw’itora ryimirije ryerekeye guhinyanyura ibwirizwa shingiro. Pierre Claver Ndayicariye arongoye uwo murwi Ceni avuga ko iruhande yabo hari abantu 3 bigenga biyandikishije ariko mu muwi Ceni basanze batobemerera kubera bafise amahinyu. Muri bo hakaba harimwo umushingamateka Fabien Banciryanino wo mu runani Amizero y’Abarundi.
• Abakozi barenga ijana bakorera itonorero ry’ikawa muri komine ya mugina intara ya Cibitoke imisi itatu irarangiye bahagaritse akazi basaba ko bokwongererezwa agashahara kabo. Kubwabo bakozi barwiriyemwo abakenyezi bavugako bakorera ku musi amafaranga 1200 y’Amarundi kandi ataco bafise boyaguramwo. Ngo n’umukozi womumirima akorera 2000 birenga. Bakabona ko ataco abamarira mu miryango yabo.
• Uwurongoye iryo tonorero ry’ikawa avuga ko batarira busema ariko abasaba gusubira ku kazi kuko harikwo hononekara vyinshi. Kandi akemeza ko ico kibazo yagishikirije abamukurira kugira bagitorere umuti.
• Umukuri w’igihugu ca Gabon Ali Bongo asanzwe ari umukuru w’akarere ka Africa yo hagati amenyesha yuko ako karere kadashobora gutera imbere katarangwamwo umutekano abona kandi yuko ibihugu vyose vyako bisangaye ibibazo akabona ari ngombwa ko ibihugu bishinga ubuzi kubera ibihugu ahanini bigizwe n’urwaruka Umukuru w’igihugu ca Gabon akaba yabishikirije kuri uno wa gatanu aho yararamutse agendera mugenziwe ‘igihugu c’Uburundi
• Ishirahamwe ryo kuvuza abakozi ba leta ngo rirahombeshwa n’abanywanyi baryo bakoresha impapuro za magendo mu kuvuza abantu batabirekuriwe n’amategeko. Ivyo ngo bikava mu makomine na za sentare z’intango aho abajejwe gutanga impapuro zisabwa babishiramwo amakosa harimwo n’ibiturire nk’uko bivugwa n’abarongoye ishirahamwe ryo kuvuza abakozi .
• Ejo ku wa 14 Ndamukiza ku ki kibuga c’umupira w’amaguru I Muyinga, hazotangura inkino za Cecafa z’abana b’abahungu batarenza imyaka 17 zizotangura. Umugwi nserukira gihugu w’Uburundi uzotana mu mitwe n’uwigihugu ca Kenya. Aimable Habimana icegera c’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, FFB amenyesha yuko imigwi izokwitaba iryo higanwa yamaze gushika mu Burundi, kandi ko ibikenewe vyose vyateguwe kugira rizogende neza.
• Izo nkino zose zikaba zizobera hagati mu gihugu, ku bibuga bitatu vy’umupira w’amaguru : ic’i Ngozi, ic’i Muyinga n’icigetega. Inkino 6 zizobera i Ngozi izindi 6 i Muyinga i Gitega naho zine. Ibihugu 8 kuri 12 bigize Cecafa nivyo vyitavye iryo higanwa. Ihiganwa rizotangura ejo rikazorangira ku wa 29 Ndamukiza.