Samedi 20 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 12 nzero 2018

12/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo ku wa 12 nzero 2018

•Hasubiye kwibonekeza ubukene bw’igitoro co mu bwoko bwa essence hano mu gisagara ca Bujumbura kuva ku musi wa gatatu. Kuma station atari make igitoro ntacariko kiratangwa. Aho cari naho hibonekeza imirongo miremire y’abagitondeye. Abanyagihugu basaba reta ko hako igitoro kibura go cotuma kiduzwa igiciro kugira ubuzima ntibuhagarare.

Mu bushikiranganji bw’ubutare n’agataka bamenyesha ko bakiriko bararaba uko vyifashe kuma stations, bakazogira ico babivuzeko hanyuma.

•Impene zirenga ibihumbi bitatu nizo zapfuye zihitanywe n’indwara y’akaranda kuva mu kwezi kwa munyonyo gushika mu kwezi kwa kigarama 2017. Nkuko bimenyeshwa na Muganga Déogratias Nsanganiyumwami, umuyobozi w’igisata c’ibitungwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi, ngo iyo ndwara yafashe impene zatanzwe n’umugambi wa kabiri LVEMP w’ibanki y’isi yose mu ntara za Gitega, Mwaro na Kirundo. Avuga kandi ko ata muti uvura iyo ngwara uriho. Uyo muyobozi w’igisata c’ibitungwa ahanura abatunze impene kuzigumiza mu ruhongore. Agasaba nuko amasoko y’impene yokwugarwa.

•Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwasohoye itangazo aho busaba abadandaza amata y’abana bakiri bato yo mu bwoko bwa Picot, Taranis, Milumel na Pepti Junior guhagarika urudandazwa rwayo. Muriryo tangazo bamenyesha ko ubushakashatsi bwakozwe bwerekanye ko ayo mata afise ubumara bushobora kugira ingaruka mbi ku magara y’ibibondo. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busaba abavyeyi ko boraba neza igihe cose ko bataguriye abana babo amata yo mur’ubwo bwoko bwabujijwe gushorwa mu gihugu.

•Ikigo kijejwe gutezimbere abanyamitahe API gisaba reta y’uburundi gushira inguvu nyinshi mu gisata c’umuyaga nkuba no kubijanye n’imihora yo kwunguruza abantu n’ibintu kugira abanyamitahe ikomeye mu bijanye no gushinga amahinguriro akomeye baze mu gihugu c’uburundi . Leonard Sentore arongoye API yabivugiye mu kiganiro ku bamenyeshamakuru aho yerekanye ivyo ico kigo caranguye mu mwaka wa 2017.

API

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.