Jeudi 28 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 11 Ndamukiza Umwaka w’2018

11/04/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwacu yo ku wa 11 Ndamukiza Umwaka w’2018

• Urwego rw’igihugu rujejwe gucungera ibinyamakuru CNC rwafashe ingingo yo guhagarika mu kiringo c’amezi 3 igisata gitangigwamwo ivyiyumviro ku rubuga ngurukanabumenyi rw’ikinyamakuru Iwacu. Umukuru w’urwo rwego akongera akaba ari n’ umuvugizi wa CNC, Rhamadani Karenga asigura ko ivyiyumviro bica ku rubuga rw’ikinyamakuru Iwacu birengera amategeko y’umwuga wo kumenyeshamakuru. Urwego CNC rurongera rukagabisha ikinyamakuru ca leta Le Renouveau n’ikinyamakuru Iwacu ko bishikiriza amatangazo ari mu rurimi rw’icongereza kandi batabisabiye uruhusha muri CNC n’iradiyo y’imico kama kubera ikiganiro yashikirije ku migenderanire iri hagati y’Uburundi n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

• Mw’itangazo umuyobozi w’ikinyamakuru Iwacu Antoine kaburahe yasohoye kuri uyu Mugoroba avuga ko ubuyobozi bwaco bwakiranye umubabaro mwinshi iyo ngingo ya CNC yo kuri uyu wa gatatu yo guhagarika ikibanza abakunzi b’ikinyamukuru Iwacu baganirirako. Ico kibanza kandi ngo cafasha Abarundi n’abakunda Uburundi gushikiriza ivyiyumviro no kuvugana mu bwigenge. Ngo cari ikibanza cubahiriza demokarasi gishikiririzwako ivyiyumviro ku kugene igihugu cifashe, ku bikorwa vya Reta, ku vy’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, ku mashirahamwe adaharanira inyungu za poriti ku vy’abamenyeshamakuru n’ibindi. Ubuyobozi bw’ikinyamakuru iwacu burababazwa n’iyo ngingo bubona ko ari iyakarenganyo

• Inama nkuru y’abepiskopi gatorika y’Uburundi imenyesha yuko itewe impungenge n’ingene itererano y’amatora yo mu 2020 itozwa. Ivuga yuko hariho abantu baturubukwa mu guitozwa intererano kenshi kandi ata buryo bafise. Ku bw’abungere ba Ekereziya gatorika mu Burundi kandi ngo birakenewe ko uburyo amatora asaba bumenyekana hagatangazwa n’ubumaze gutangwa kugira uwuterera amenye aho guterera kugeze. Ku bijane no guterera muri Ekereziya Inama nkuru y’abepisikopi ishikiriza ko ata rundi rwego rusabwa intererano atari umwepisikopi arongoye Diyoseze kuko ari we ayiserukira imbere y’amategeko

• Ivyo Abungere ba Ekereziya Gatorika bakaba baraye babishikirije mw’itangazo, itangazo bamenyesha ko ritumbereye kwerekana aho bahagaze kugira abatoza intererano y’amatora bamenye uko bitunganijwe, abo bajejwe nabo bamenye ingene bokwafata. *

• Mubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bavugako ivyo bishikirizwa n’abungere ba Ekleziya gatolika hano mu Burundi vyumvikana. Pascal Barandagiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akavugako Leta atawe yatumye kuja gutoza ayo mafaranga mu ma sikirisare canke mu ma paroisse. Akemezako n’aboba babikora bariko bakora amakosa.

• Bamwe mubashingamateka barafise amakenga kubijanye n’ingene ayo mafaranga atozwa. Abo bashingamateka bakavugako hariho abakozi bakatwa ayo mafaranga ku mishahara yabo kandi barandikiye ababijejwe basabako batokatwa ayo mafaranga. Babishikirije kuruyu gatatu igihe icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yariko arashikiriza abashingamateka n’abakenguzamateka icegeranyo c’ivyo ubushikiranganji ajejwe bwaranguye mu mezi 6 yanyuma y’umwaka uheze w’ 2017

• Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu yemezako abanyamigambwe bahurikiye mw’ihuriro ry’imigambwe yemewe hano mu gihugu FDP ko bumvikanyeko hamwe umufasha mu biganiro Hagati y’Abarundi yotumako ibiganiro imbere yuko haba amatora yokwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro batokwemera kuvyitaba. Ivyo bakaba babishikirije mu nama yahuje iyo migambwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu kuruyu wa gatatu. Pascal Barandagiye ajejwe ubwo bushikiranganji akaba yanaboneyeho akaryo ko kumenyeshako mugihe cokwiyamamaza ku bijanye n’ayo matora abanya politique bazoba bemerewe kwigisha gutora ego canke Oya.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.