Mercredi 24 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 10 RUSAMA 2018

10/05/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 10 RUSAMA 2018

• Ubushikiranganji bujejwe umutekano bwerekanye kuruyu wa 4 imodoka 10 zo mubwoko bwa Mitsubishi hamwe n’ipikipiki 27. Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji Pierre Nkurikiye avugako izo modoka hamwe nizo pikipiki vyafatiwe hano mugisagara ca Bujumbura muri Rohero ya 1 kurugo rw’umukenyezi w’umurwizatunga yitwa bayisufu. Pierre Nurikiye avugako ngo zari zihanyegeje kuva mu 2010. Ngo zikaba zari zatumweko nuwahoze atwara umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD igihe ngo yaragitwara uwo mgambwe. Igi polisi rero ngo cari carose amakuru ko zizokoreshwa muguhungabanya amatora ajanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro. Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bujejwe umutekano.

• Urunani rw’abatavuga rumwe na Leta Amizero y’abarundi rubonako icihutirwa atari uguhinyanyura ibwirizwa nshingiro ahubwo icihutirwa ngo nugukora ibikorwa biteza imbere igihugu nk’ugusanura amabarabara yasambutse. Indongozi z’urwo runani zabishikirije kuruyu wa 4 mu myiyamamazo ijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwanshingiro urwo runani rwakoreye mu ntara ya Bururi. Urwo runani rukaba rwahamagariye abitavye iyo myiyamamazo kuzotora oya murayo matora.

• Ubuserukizi bw’ubumwe bwa buraya hano mu Burundi Busaba iyubahirizwa y’amasezerano ya Arusha mumatora yo guhindura ibwirizwa shingiro yimirije hamwe no mumatora azokurikira yo mu 20202.wolfram vetter aserukira ubumwe bwa Bulaya hano mu Burundi yabishikirije mugihe hariko hahimbawa umusi mukuru wa buraya hamwe n’imyaka 40 iheze bakorana n’uburundi .uwo aserukira ubumwe bwa buraya akaba yarasavye reta kworohereza abashaka kuzana imitahe muburundi kurikira wolfram vetter asubirwamwo mukirundi na Désiré sindihebura

• Kubwa Bernard Ntahiraja umwunganizi w’umushikiranganji wimigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu yamenyeshejeko reta yuburundi yatangajwe n’itangazo riheruka gusohorwa n’iryo shirahamwe ry’UE kubijanye n’amatora ariko arategurwa. Bernard Ntahiraja akavugako iryo tangazo ryuzuye ibinyoma gusaTukabibutsa ko iryo tangazo ubumwe bwa Bulaya buherutse gusohora ryerekana amakeng a kubijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro. Kuko ayo matora ngo agiye kuba hakiri abanyagihugu baburabuzwa abandi bagakorwako iterabwoba.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.