• Umukuru w’igihugu yemezako muruyu mwaka twatanguye wa 2018 hazotunganywa neza ibijanye nogutwara abantu n’ibintu mu ntumbero yoguteza imbere ico gisata. Président Petero Nkurunziza akavugako atamodoka ishaje izokwemerwa gukora. Agahamagarira abipfuza gukorera murico gisata cogutwara abantu n’ibintu kobokorera hamwe kuko arivyo vyofasha mukugiteza imbere.
• Umushikiranganji ajejwe umutekano avugako Leta ifise integuro yogushiraho ibigo vyokwakiriramwo bantaho nikora batunzwe nogusegerereza mw’ibarabara. Alain Guillaume Bunyoni anemezako hariho numugambi wogshiraho ibigega vyokubafasha. Akavugako ivyo nivyamara kuboneka uwuzobandanya aja mw’ibarabara gusegerereza azohanwa hakurikijwe amategeko.
• Ishirahamwe parcem ribona yuko uburundi bwari bukwiye kurendera uburyo hanze kugira bushobore kurangura imigambi iteza imbere abanyagihugu nk’uko bikorwa mu bihugu vyo mukarere. Biri uko, mu gihe Reta yemeza yuko Abarundi bashobora kwiteza imbere batiriwe barazera inze.
• Umukuru w’igihugu c’uUburundi Petero nkurunziza amenyesha yuko Uburundi bwatanguye urugendo rushikana ku kwikukira nyakuri . aho Abarundi n’abakavantara babubamwo bazorangura imigambi y’iterambere ata kuzera inze. Yabivuze mw’ijambo yashikirije Abarundi ryo kubipfuriza umwaka mwiza w’2018.
• Udukoko turya ibigori twarateye mu ntara ya Gitega. Abarimyi nt aco batakoze kugira badutuze ariko ntihagire ico bishikako. Basaba abajejwe uburimyi n’ubworozi kubafasha gutuza utwo dukoko.