Vendredi 19 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y ‘Amakuru y’Iwacu yo ku wa mbere Nzero umwaka w’2018

01/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y ‘Amakuru y’Iwacu yo ku wa mbere Nzero umwaka w’2018

• Umukuru w’igihugu yemezako muruyu mwaka twatanguye wa 2018 hazotunganywa neza ibijanye nogutwara abantu n’ibintu mu ntumbero yoguteza imbere ico gisata. Président Petero Nkurunziza akavugako atamodoka ishaje izokwemerwa gukora. Agahamagarira abipfuza gukorera murico gisata cogutwara abantu n’ibintu kobokorera hamwe kuko arivyo vyofasha mukugiteza imbere.

• Umushikiranganji ajejwe umutekano avugako Leta ifise integuro yogushiraho ibigo vyokwakiriramwo bantaho nikora batunzwe nogusegerereza mw’ibarabara. Alain Guillaume Bunyoni anemezako hariho numugambi wogshiraho ibigega vyokubafasha. Akavugako ivyo nivyamara kuboneka uwuzobandanya aja mw’ibarabara gusegerereza azohanwa hakurikijwe amategeko.

• Ishirahamwe parcem ribona yuko uburundi bwari bukwiye kurendera uburyo hanze kugira bushobore kurangura imigambi iteza imbere abanyagihugu nk’uko bikorwa mu bihugu vyo mukarere. Biri uko, mu gihe Reta yemeza yuko Abarundi bashobora kwiteza imbere batiriwe barazera inze.

• Umukuru w’igihugu c’uUburundi Petero nkurunziza amenyesha yuko Uburundi bwatanguye urugendo rushikana ku kwikukira nyakuri . aho Abarundi n’abakavantara babubamwo bazorangura imigambi y’iterambere ata kuzera inze. Yabivuze mw’ijambo yashikirije Abarundi ryo kubipfuriza umwaka mwiza w’2018.

• Udukoko turya ibigori twarateye mu ntara ya Gitega. Abarimyi nt aco batakoze kugira badutuze ariko ntihagire ico bishikako. Basaba abajejwe uburimyi n’ubworozi kubafasha gutuza utwo dukoko.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.