Mardi 23 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru yo ku wa 08 Nzero umwaka w’2017

08/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru yo ku wa 08 Nzero umwaka w’2017

• Ubushikiranganji bw’intwaro yo mu gihugu hagati bwemeza ko amashirahamwe 23 yatanguje umugambi « « Teshwa ute»wo guhamagarira abarundi kutemeza ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro atabaho mu burundi . Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru Terence Ntahiraja umwunganirizi ‘w’umushikiranganji w’intwaro mu gihugu hagati yemeje ko n’ivyo ayo mashirahamwe yafatiyeko atashingiro bifise . uyo avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu yemeza ko ivyo guhinyanyurwa ibwirizwa nshingiro ari igikorwa cega Abarundi gusa .

• Abari muri ayo mashirahamwe bobo babona ko Reta y’Uburundi yatewe ubwoba n’iryo Sekeza . Vital Nshimirimana umwe mu batanguje iryo sekeza avuga ko ivyo Reta ivuga bitazotuma bareka igikorwa batanguje co kurondera ko agateka ka muntu kubahirizwa kandi Abarundi bakaba mu gihugu mu mwidegemvyo .

• Urunani rutavuga rumwe n’ubutegetsi Cnared-Giriteka ruriyamiriza rwivuye inyuma umugambi wo guhinyanyura ibwirizwa shingiro mu Burundi. Rumenyesha yuko ibizova muri uwo mugambi biruraba. Nk’uko biboneka mw’itangazo rwasohoye inyuma y’Inama rwari rumazemwo iminsi itatu, Cnared-Giriteka isaba Abarundi kutitabira uwo mugambi ku bwayo uzosubira igihugu mu ntwaro y’umugambwe umwe no mu ntambara. Cnared Giriteka isaba kandi abashize umukono ku masezerano y’amahoro n’ugusubiza hamwe y’i Arusha kuja hamwe vyihuta kugira bakingire ayo masezerano yo nzira y’amahoro n’itekane k’Uburundi. Cnared irangiza isaba Sentare mpanavyaha mpuzamakungu kurengutsa abantu bakoze ivyaha vy’agahomerabunwa mu Burundi.

• Abanywanyi babiri b’umunyaporitike Agaton Rwasa muri komine Nyabahanga ari bo Innocent Niyungeko umukuru w’abanywanyi biwe n’umunyamabanga wiwe barahagaritswe ku ngingo ya Musitanteri w’iyo komine kuri uyu w’Imana inyuma y’umutaga. Baciye bajanwa gupfungirwa mu gasho k’igiporisi k’Inyabihanga nyene. Umukuru w’abanywanyi ba Agaton Rwasa mu Ntara ya Mwaro, Fabien Mahera asaba ko borekurwa kuko ata co bazira

• Twarondeye Musitanteri wa komine Nyabihanga kugira atange umuco turamukena.

• Abarundi ntibanezerejwe ningene amatora y’uwurongoye inama nshingamateka ya Africa y’ubuseruko yagenze. Bimenyeshwa n’Umushikiranganji ajejwe ivy’umuryango wa Africa y’ubuseruko avuga ko Uburundi buzobandanya busaba insiguro na cane cane ku bijanye no guhanahana ubutegetsi. Isabelle Ndahayo akizeza ko abashingamateka b’Abarundi bazosubira kwitaba Inama z’umuryango wa EAC bararonkejwe inyishu.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.