Jeudi 28 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KUWA 6 RUHUHUMA 2018

06/02/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KUWA 6 RUHUHUMA 2018

• Sentare isubiramwo imanza y’umuryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko EAC bitegekanijweko izokwiga kuruyu wa 3 urubanza rujanye n’abitwaye bavugakoumukuru w’igihugu Petero Nkurunziza amategeko atamwemerera ko asubira kwitoza mu matora ya 2015. Abari bituye sentare y’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko EAC bakaba bungururije urubanza muri sentare isubiamwo imanza y’ivyo bihugu inyuma yaho iyo sentare yari yasomye urubanza ivugako atabushobozi ifise bwokuvugako umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yari yemerewe kwitoza canke kutitoza mu matora aheruka yo mu 2015. Abituye iyo sentare akaba ari urunani rw’abashingwamanza bo muri Afrika Union panafricaine des africains. Bakaba bari bituye ubutungane bavugako ukwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kwahonyanga ibwirizwa nshingiro ry’uburundi hamwe n’amasezerano y’i Arusha. Bakaba banabonako ukwo kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza gushobora gutuma abandi bakuru b’ibihugu bo muri Afrika bamufatirako akarorero mukwitoza hadakurikije amategeko.

• Umuntu umwe yaritavye Imana abandi 37 barakomereka bahitanywe n’isanganya ry’imodoka ryabereye kw’ibarabara gisagara cankuzo. Imodoka yo mu bwoko bwa dyna y’ishure ry’isumbuye rya murore ikaba yaratembagaye. Abakomeretse ubu bariko bavurirwa mu bitaro vya Murore.

• Abazana ibidandazwa hano mu burundi babicishije ku kivuko ca Rumonge babonako ibiciro vy’amatagisi atangishwa kubidandazwa biba vyinjiye yadugijwe k’urugero runini. Kuruyu wa 2 ubwato butatu bawari buvuye mugihugu kibanyi ca tanzaniya ntibwapakuruwe kuko banyene ibidandazwa ngo basanze amataxe yaradugijwe cane. Bakavugako bahora bariha kubwato amafaranga ari hagati y’ibihumbi 25 n’ibihumbi 40 y’amarundi ariko ubu ngo basanze ari amafaranga y’abanyamerika ari hagati y’150 n’170 kubwato. Mu rumonge,Félixe Nzorubonanya.

• Imiryango 50 iba kugacimbiri Rohe muri quartier kamesa muri komine ya kanyosha intara ya Bujumbura iramaze guhunga kubera uruzi kanyosha ruguma rutwara amazu yabo.abo banyagihugu bakababazwa nuko basavye abajejwe intwaro ko bobashira ahandi ariko vyanse.abajejwe intwaro aho mukanyosha bakavugako badafise iyo babashira kandi ko ikibazo c’uruzi kanyosha kibarengeye n’inkuru tubaza Désiré Sindihebura

• Imiryango y’abanyagihugu bo mu bwoko bw’abatwa iba muri commune Muhanga intara ya Kayanza isaba ko yohabwa imfashanyo z’ibifungurwa ikongera igafashwa mu bijanye no kuvugwa. Abo banyagihugu bemezako nk’abanyeshure basigaye baheba amashure kubera inzara canke ingwara baba batashoboye kwivuza.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.