Mardi 19 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU YI’WACU YO KU WA 22 MUNYONYO 2017

22/11/2017 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU YI’WACU YO KU WA 22 MUNYONYO 2017

1.Amezi 16 ararumanye neza atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru yohani Bigirimana yakorera ikinyamakuru iwacu.yohani Bigirimana yanyurujwe ku wa 22 mukakaro umwaka wa 2016 anyururizwa muri zone ya bugarama komine n’intara ya muramvya.amakuru twakuye aho i bugarama yavugako uwo m’umenyeshamakuru y’urijwe imodokari ifise ibiyo bitabona bivugwako yoba ar’iyo mw’iperereza ry’uburundi.igipolisi ariko kikaba carahakanye ko atarico camufashe.n’ayo ubushikiranganji bw’ubutungane bukaba bwagumye buvugako amatohoza akibandanya kugira hamenyekane icashikiye uwo m’umenyeshamakuru ariko inyuma yamaze 16 ivyavuye mu matohoza yakozwe n’ubutungane bwuburundi bikaba bitaraja ahabona.mwomenyako n’umuryango wiwe wahavuye uta ukomoka inyuma yaho wemereje ko uriko uragigwako iterabwoba n’abantu batamenyekanye.

2. Umugambwe Sahwanya Frodebu usaba abarongoye ibihugu muri afrika kwigira kuvyashitse mu gihugu ca Zimbabwe kugira ntihabe hakiboneka umukuru wigihugu yigumiza kubutegetsi akoresheje inzira iyi canke iriya . Léonce Ngendakumana icegera c’uwurongoye Frodebu avuga ko nkuko vyashikiye Mugabe yaramaze imyaka 37 k’ubutegtsi ,Umukuru wigihugu yigumiza imyaka myinshi kubutegetsi azobuvako kandi nabi .

Mu mugambwe w’abadasigana uprona ho barakeza umukuru wigihugu Robert Mugabe ngo kuko ari ikintu ciza cane.Abel Gashatsi akamenyeshako yari umukuru w’igihugu yari indya munyu yagwaniye agateka k’abanyafrika.kubw’uwo arongoye uprona akavugako naho yari yanse kuva ku butegetsi igikuru aruko atevye akagenda mugihe hari abandi bakuru b’ibihugu bemera amaraso agaseseka .Abel Gashatsi arongoye umugambwe w’abadasigana Uprona.

3.Ukudatahura uruhara n’ akamaro k’ibiharuro mu buzima bw’igihugu, iyo niyo mvo ituma ikigo kijejwe gutororokanya ibiharuro ISTEEBU giteba gushikiriza ibiharuro nkenegwa mu bisata bitandukanye vy’iterambere. Nicholas Ndayishimiye, umuyobozi mukuru w’ico kigo akavuga ko batoroherwa mu kuronka amakuru aho bayasaba mu bantu, arinayo abafasha gutunganya ivyigwa

Ivyo bikaba vyavuzwe mu gihe ikigo ISTEEBU cari kiramutse cugururira imiryango abantu mu kubereka ivyo kirangura, akaba ari mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mukuru w’ibiharuro muri Afrika, usanzwe uhimbazwa kw’igenekerezo rya 18 Munyonyo

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.