Samedi 20 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 21 MUNYONYO 2017

21/11/2017 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 21 MUNYONYO 2017

• Intumwa idasanzwe yumunyamabanga mukuru wa ONU mu Burundi yemeza ko azokwama ashigikira akarere mu kurondera umuti ku matati ari mu burundi naho ngo hoba hari ibikigoranye mu gihugu . Michel Kafando ariko ashikiriza icegeranyo ku burundi c’amezi atatu mu nama y’ ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe umutekano kw’isi yemeje ko hakenewe inama y’akarere yokuraba aho ibiganiro hagati yimpande ziri mu matati mu gihugu c’uburundi bigeze. Akavuga ko reta yuburundi itaranyurwa neza nugukorana nibiro vya onu bijejwe agateka ka muntu mu burundi . Albert nshingiro aserukira uburundi muri ONU we yemeza ko utwigoro twakoze ari twinshi yasavye kuburundi bwo kugwa mu bihugu vyirwa niyo nama .

• Uwahoze arongoye ishirahawe Aprodh muntara ya Gitega Nestor Nibitanga yahagaritswe kuruyu wa 2. Nkuko amakuru dukura aho igitega avyemeza, ngo aba polisi bagiye kwugariza kurugo rwuyo yahagaritswe baca barahasaka imbere yokugenda bamujanye.

Mu gi polisi baremeza ihagarikwa eyiwe bakavugako yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihgu. Akaba yafatanywe impapuro nyishi ziriko ivyemezo.

• Abanyagihugu babomorewe amazu ahariko hubakwa ikirimba c’umukuru w’igihugu kiri mu gasenyi muri komine mutimbuzi muntara ya bujumbura bazindukiye kugariza ahakorera ubushikiranganji bw’ibidukikije kugira bishuze imizibukiro yabo nkuko vyari vyemejwe n’umushikiranganji ko bazoba batunganirijwe. Abo banyagihugu bakavugako indwi 3 ziheze ataco barabona,bavuga kandiko bagiye kuguma aho kurivyo biro gushika

• Kuruyu wa 2 n’umusi mpuzamakungu wahariwe abarovyo. Abarovyi bo ku kiyaga ca Tanganyika mu Rumonge bavugako uyu musi ugeze bafise ingorane zijanye n’umutekano muke urangwa murico kiyaga. Abo barovyi bagatanga akarorero kabagenzi babo 2 babuzwe irengero bariko bararoba haraheze indwi imwe.

• Kuruyu wa 2 kandi n’umusi mpuzamakungu wahariwe imboneshakure(télévision)
Ibice 10 kw’100 vy’abarundi nibo baraba imboneshakure(télévision) nkuko vyavuye mu bushakashatsi bwagiye burakorwa n’ingene imboneshakure irabwa. Bivugwa na Athanase Ntiyanogeye, umwe mu bamenyeshamakuru batanguranye na télévision nkuru y’igihugu.

Ikibazo kijanye n’uburyo ni kimwe mu bituma abashobora gukoresha imboneshakure baba bake.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.