Jeudi 28 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’Iwacu yo ku wa O5 Ruhuhuma umwaka w’2018

05/02/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’Iwacu yo ku wa O5 Ruhuhuma umwaka w’2018

• 05 Umukuru w’igihugu c’Uburundi yamenyeshe ko ata moko ari mu Burundi ahubwo ngo abakorini nibo babivye imbuto mbi mu gihugu. Yabishikirije Kuri uyu wa mbere mu birori vyo guhimbaza imyaka 27 iheze habaye amasezerano y’Ubumwe bw’Abarundi. Ibirori ku rwego rw’igihugu vyabereye mu ntara ya Gitega.

• Mw’ijambo yashikirije Abarundi rijanye n’uno musi wo kwibuka amasezerano y’Ubumwe bw’Abarundi, umukuruw’igihugu Petero Nkurunziza yemeje ko hamaze gukorwa imigambi itari mike mu ntumbero yo gutsimbataza Ubumwe bw’Abarundi. Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akabona ko mu myaka icumi iheze Abarundi bamaze kwikorera imigambi itari mike batarinze kuzera inze. Muri iyo migambi umukuru w’igihugu avuga nk’ibijanye n’ibikorwa rusangi vy’iterambere hamwe n’ishirwaho ry’itegeko rigenga amakoperative.

• Uwahora arongoye igihugu c’Uburundi, Sylvestre Ntibantunganya yemeza ko ubumwe bw’abarundi bwamye ari itunga igihugu camanye. Naho ubwo bumwe bwagiye buratosekazwa ku gihe c’abakoroni hamwe n’inyuma yaho aho hagiye hibonekeza ugukumirana gufatiye ku bwoko Sylvestre Ntibantunganya avuga ko kugira ubumwe butsimbatare hakwiye kw’igihugu cotwagwa mu nzira ya démocratrie, ukudakumirana gufatiye ku bwoko, intara canke umugambwe.

• Mu mugambwe Uprona babona ko ubumwe bw’abarundi bwateyeintambwe ishimishije kuko abantu babanye neza. Abel Gashatsi arongoye uwo mugambwe akavuga ko ivyo bitavuze ko ingorane z’amoko canke z’intara zaheze. Agasaba leta kugwanya ukunvangurana.

• Abanyagihugu bo mugisagara ca bujumbura ntibabona kumwe ibijanye n’umusi mukuru w’ubumwe bw’Abarundi. Bamwe mu bo twavuganye babonako uwo musi uhari kwizina ngo kuko ubwo bumwe buvugwa atabuhar abandi n’abo bakavuga ko buhari kuko ngo Abarundi bafashanya muvyo bashoboye. Ico bose bahuruzako ariko n’uko uyu musi ushitse bakenye.

• Bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Rumongo basabako umurwiw’igihugu ujejwe Ubumwe bw’abarundi uherutse gushingwa mu kazi kawo wokwama utangaicegerenyo kivuga ibijanye n’ingene Ubumwe bw’abarundi bwifashe hawe n’icokorwa kugira ngo butsimbatare. Abanyagihugu baganiriye n’uruganda rw’amakuru y’iwacu bo ngaho mu Rumonge bakemeza kohar iinyifato zimwezimywe zicibonekeza zerekana ko uburmwe bw’Abarundi butaratsimbatara.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.