Samedi 20 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INTANGAMARARA Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 14 MUNYONYO 2017

14/11/2017 Edition : Commentaires fermés sur INTANGAMARARA Y’AMAKURU Y’IWACU YO KU WA 14 MUNYONYO 2017

. Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Leta ribonako bidasiguritse ingene Leta yama itegekanya mu mafaranga ikoresha ku mwaka kumwaka uburyo bwogukoresha nogukwirikirana indege irerura umukuru w’igihugu. Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME avugako bidasiguritse kuko kugera ubu indege irerura umukuru w’igihugu itaratangura gukora. Akabonako ari ukunyonora amatungo y’igihugu mugushira ho ayo mafaranga. Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME ivyo abivuze inyuma yaho inama nshikiranganji yakoranye mu ndwi iheze yemeje urwandiko rusaba Leta gushiraho uburyo bwogukoresha nogukwirikirana indege irerura umukuru w’igihugu. Urwo rwandiko rukaba rusigurako iyo ndege y’umukuru w’igihugu yabonetse kuva mumpera z’umwaka wa 2016 itarigera iguruka kuva ishika kandi yategerezwa gukurikiranwa ivyo navyo ngo bikaba bisaba uburyo bwinshi kuko bikorerwa muruganda rwohanze y’uburundi. Urwo rwandiko rukavugako naho iyo ndege itaratangura gukora ivyuma vyayo bitegerezwa kuguma bikurikiranwa.

. Abakenyezi bagera kuri 17 nibo bamaze gufatwa bajanywe kugurishwa mubihugu vya OMANI, KOWETI na ARABIA saoudite kuva kuno kwezi kwa 11 turimwo gutanguye. Bivugwa n’ishirahamwe ONLCT où est ton frère ryishinze kurwanya urudandazwa rw’abantu. Iro shirahamwe rinavugako kuva uyumwaka utanguye abarundi barenga 300 bamaze kujanwa kugurishwa murivyo bihugu. Rigasaba abategetsi b’igihugu bari murugendo muri Arabia saoudite ko bovugana nabagenzi babo bico gihugu ibijanye nurwo rudandazwa.

. Hari imiryango ibiri yo muri komine giheta intara ya Gitega yahungishirijwe ku biro vya komine Giheta kuva kumusi wa kabiri w’indwi iheze.

Abo banyagihugu bagirizwa uburozi n’ababanyi babo . Ivyo bikaba vyatanguye kuvugwa kuva mu kwezi guheze. Umukuru w’umutumba wa ruhanza umwe mumitumba ivugwako ubwo burozi aremeza ayo makuru . Agahamagarira ariko abanyagihugu kutihanira. Désiré sindihebura.

. Abarwayi 2 kuri batanu bari mu bitaro ngo baba barwaye ingwara y’igisukari Diabète. Bivurwa n’uwurongoye umugambi w’igihugu ujejwe kurwanya ingwara ngendanwa zitandukira. Muganga Innocent Nkurunziza amenyesha kandi ko ibice 35 kw’100 vy’abarundi aribo bonyene bashira imbere kuja kw’ipimisha iyo gwara y’igisukari. Akaba abivuze mu gihe kuwa 14 ukwezi kw’11 hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ingwara y’igisukari.

. Amavuriro abiri hamwe n’amazu ane adandarizwamwo imiti 4 niyoo yugawe nabajejwe intwaro mu rumonge barikumwe n’abajejwe ivy’ubuvuzi hamwe n’igi polisi. Iyo ngingo ikaba yafashwe muntumbero yo kurwanya ukudakurikiza amategeko mu gisata kijanye n’amagara y’abantu. Amavuriro n’amazu adandarizwamwo imiti vyugawe bikaba n gari ibitari bikurikije amategeko .

Ayo mavuriro akaba ari Centre de santé Saint sauveur hamwe na centre de santé Nema zose ziri mugisagara ca Rumonge. Mumazu adandarizwamwo imiti nayo muriyo harimwo iyitwa Pharmacie de la providence i ri mugisagara ca Rumonge hamwe na Pharmacie Turame iri mu kizuka.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.