Jeudi 28 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU YO KUWA 16 MUNYONYO 2017

16/11/2017 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU YO KUWA 16 MUNYONYO 2017

• Umufasha w’umuhuza mu biganiro hagati y’abarundi Benjamin Mkapa yatumyeko umubonano hagati y’ aberwa n’ibiganiro hagati y’abarundi.

Uwo mubonano uzobera i Arusha muri tanzaniya ukaba utegekanijwe kuva kuwa 26 kuno kwezi kugera kw’igenekerezo rya 8 kigarama.

Nkuko biri mwitangazo ry’umufasha w’umuhuza Benjamain Mkapa ivyo biganiro ntawe bizokumira .

Ariko mu runani rw’imigambwe itavuga rumwe na reta Cnared suko babibona, Pancrace Cimpaye avugira urunani CNARED yemezako abagize urwo runani batazokwitaba uwo mubonano kuko ngo bafise amakuru yemezako intumbero arukugirango ibiganiro hagati y’abarundi bitahukanwe mu burundi ntibizosubire kubera hanze y’igihugu, kandi ngo ntibanamenyeshejwe uko bitunganijwe.

• Mu mugambwe w’abadasigana UPRONA naho bavugako bataramenyeshwa ibijanye nuwo mubonano. Abel Gashatsi arongoye Uprona yemezako nibaronka ubutumire bazokwitaba. Uwo arongoye Uprona akabonako abafise amakenga kubijanye nuko ibiganiro vyoza kubera hano mu burundi bitobabuza kwitaba uwo mubonano kuko ariwo uzofasha gutora inyishu kurayo makenga yose.

• Umugambwe Cndd- Fdd uri k’ubutegetsi watanguje kur’uyu wa kane ibikorwa vy’umunsi wahariwe umugwanyi. uyo munsi ukazohimbazwa ukuri kwamye ku munsi wa gatandatu muri komine Rugombo intara ya cibitoke . Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza iyo ndwi umunyamabanga w’umugambwe Cndd-fdd Evariste Ndayishimiye yavuze ko ashima aravye iyo bavuye akemeza ko ari umunsi wintibagirwa.

Kubwiwe ngo uyumunsi ntiwarukwiye guhimbzwa n’abanywanyi b’u mugambwe Cndd-Fdd gusa ahubwo ngo warukwiye guhimbazwa n’abarundi bose ngo kuko ari ho abarundi basezereye ihonyabwoko nivyo gutembagaza ubutegetsi .

• Hari umwigeme w’imyaka 21 yanize uruyoya yarahejje kwibaruka ngo abifashijwemwo na nyina muri komine kayokwa ku mutumba ngara . Nyina wuyo mukobwa akaba yafashwe n’igipolisi mu gihe uyo mukobwa nawe yabanje kuvugwa imbere yuko asanga nyina mu gasho ka komine kayokwe . Amakuru ava aho yemeza ko igipolisi ca bimenye kubera mutoyi wuyo mwigeme .

• Hari abigeme bane bahagaritswe n’igipolisi kur’uyu wa gatatu ku murwa mukuru w’intara ya Muyinga. Mu gipolisi bemeza ko abo bigeme boba bari bajanywe mu rudandazwa rw’abantu mu bihugu vya barabu .

• Urwego rw’igihugu rujejwe gukwiririkirana uko ibinyamakuru bikora mu Burundi CNC rumenyesha yuko mu mwaka uza w’2018, abamenyshamakuru bategerezwa kuba biyandikishije mu gitabu c’abamenyeshamakuru, abarongoye ibinyamakuru bazobwirizwa gusezerana n’urwo rwego ivyo biyemeje kurangura « cahier de charge » mu rurimi rw’igifaransa. CNC izotegeka n’ibinyamakuru guha amasezerano y’akazi abamenyeshamakuru bavyo. Umukuru w’ico kigo yabishikirije mu Kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa 16 Munyonyo.

Kubw’urwego rujejwe guhanurana hagati y’ibinyamakuru OPB, ngo izo ngingo z’urwego CNC ntizorohereza umumenyeshamakuru ahubwo zimwaka uburenganzira. Innocent Muhozi arongoye OPB amenyeshako ikarata umumenyeshamakuru ahabwa n’ikinyamakuru akorera yarikwiriye.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.