Mercredi 24 avril 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru yo ku wa 25 kigarama 2017

26/12/2017 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru yo ku wa 25 kigarama 2017

• kur’uyu wa 25 kigarama ,hahimbazwa Umusi mukuru wa Noel ngo n’umusi uhimbazwa n’abemera co kimwe n’abatemera. Kubwa bamwe mu bakristu bayaze n’amakuru y’iwacu ngo uwo musi nuwo guhimbaza ivuka rya Yezu Kristu. Bamenyesha ariko ko umusi mukuru wa Noel utagihimbazwa neza nkuko vyahora kera kubera ubukene burangwa mu gihugu.no mu ntara ya Gitega uyo munsi mukuru wahimbajwe abanya Gitega bagashima ko uyo munsi wabasanze bakiri bazima nayo ngubukene buri mu miryango bwatumye batawuhimbaza nka kera

• Imigambw itavuga rrumwe nuwuri kubutegetsi yataguye kwitunganya mu ntara ya Rumonge aho iriko rugurura ingoro no gushing inzego gushika ku mitumba .abarongoye iyo migambwe bavuga yuko hakiri ingorane zifatiye kutihanganiranira kuko abanywanyi bamwe byo migambwe baterwa ubwoba nurwaruka rwimbonerakure ruhurikiye mu mugambwe uri kubutegetsi .Abarongoye intwaro bobo bemeza ko atawe babujije gukora ibikorwa vya politike ariko bakaba basba kubikora bisunze amategeko .

• Umugambwe Cndd-Fdd uvuga ko ugiye gusaba ko hoshirwaho igisata karaba icamwa c’ivoka (filière avocat). Umunyamabanga mukuru wuwo mugambwe Evariste Ndayishimiye avuga ko basanze amavuta ava mu mavoka ari ay’agaciro. Ngo bagiye rero gukorana n’abatwara umugambwe mu ntara kugira amavoka ntasubire gushorwa hanze ata nyungu bizanira igihugu

• Urwaruka rwinshi rw’Uburundi rwipfuza kuzokorera mu gisata c’amagara y’Abantu muri Kazoza karwo. Ruke narwo rushaka gukorera mu gisata c’umutekano. Urwaruka rubona yuko abakorera mu gasata c’ubuvuzi bashimwa kandi babayeho neza mu gihe abajejwe umutekano bataronka impembo ikwiranye n’umwuga wabo. Ivyo bikaba vyatohojwe n’ikigo Cenap cishinnze gukinga no kubura amatati. Icigwa cashizwe ahanbona kuri uyu wa gatanu

• Abarovyi bo mukiyaga Rweru kiri muri commune Giteranyi mu ntara ya Muyinga baratewe umutima uhagaze n’icatsi conona ibiyaga jacinthes d’eau cibonekeza murico kiyaga. Abo barovyi bakemezako ico kiyaga kimaze gukama uruhande rutari ruto bitewe nico catsi. Bakavugako ico catsi cibonekeza murico kiyaga kubera imicafu iva k’uruzi kagera rwataye inzira ubu rusigaye rwisuka murico kiyaga. Bagasaba ababijejwe gutora inyishu hakiri kare. Mubushikiranganji bujejwe ibidukikije bemezako ico kibazo bakizi,Emmanuel Ndorimana umuyobozi ajejwe ivy’aazi muubwo bushikiranganji avuga ariko ko ari ikibazo cagutse kuko ngo ari ikibazo kiraba ibihugu 2,urwanda n’uburundi. Kubwiwe ngo inyishu yari yoroshe gutora, ariko ngo kubera imigenderanire hagati y’uburundi itifashe neza ngo bizofata igihe kitari gito kugirango inyishu iboneke. Arahumuriza ariko ko abategetsi bamaze gufata mu minwe ico kibazo.

• Abanyagihugu bo mu gisagara ca bujumbura baridoga ko amabarabara amwe amwe makuru ameze nabi cane. Nk’ibarabara rikuru numero 9 rijana mu mazones ya mutakura na cibitoke hamwe n’ibarabara ryi 7 ryo muri zone ya kanyosha. Abanyagihugu basaba ubutegetsi gusanura ayo mabarabara kuko basanzwe bariha amakori n’amatagisi. Ubuyobozi bw’amabarabara bumenyesha ko amabarabara yo mu gisagara ca Bujumbura ko ashaje. Kandi ngo nta buryo bukwiye bafise ngo basubiremwo amabarabara makuru y’igihugu, ariko ngo hariho ishirahamwe EBENETS ririko rirazibira ibinogo biri murayo mabarabara yononekaye

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.