Mardi 19 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU YO KU WA 23 MUNYONYO 2017

23/11/2017 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU YO KU WA 23 MUNYONYO 2017

• Hari umunyagihugu yaraye akubiswe mwijoro ryakeye n’imbonerakure muri karatiye ya nyakabiga ya 3 ni muri zone ya nyakabiga bamutegereye atashe mugihe ngo zariko zirakizura.abanyagihugu baje gutabara zose bakaba barazimenye kuko umwe muribo yahavuye afatwa aja gufungigwa mugasho ka zone ya nyakabiga.aho ari kumusego jean berchimas nduwayo asaba ko yovuzwa kuko amagara yiwe atameze neza bivuye kumahiri yakubiswe n’ayo abanyagihugu bagasabako izo mbonerakure zohanwa.Nsabiyumva arnaud arongoye imbonerakure muri nyakabiga ya 3 arahakana ko atambonerakure zirara zirakizura.kubwiwe ngo abo bategera abantu n’abasuma.akamenyeshako naho uwafashwe yemezako ariyo.uwo mutware wazo ngo benshi baravyiyitirira kugira bakore ibibi.avuga kandiko bagiye gukurikirana izo mbonerakure kugira bahanwe

• Nestor Nibitanga yahoze arongoye ishirahamwe APRODH rishinze guharanira agateka ka muntu nakabafunzwe miu ntara ya Gitega yarungururijwe Kumugoroba wo kur’uyu wa gatatu mu gasho kiperereza ko mu gisagara ca Bujumbura .Umuryango wiwe wemeza ko bigoye ku mubona kuko utemererwa no kumugemurira . Mu gipolisi baremeza iryo yunguruzwa rya Nestor bakemeza ko yafaswe ku munsi wa kabiri yagirizwa guhungabanya umutekano wigihugu .

• Ubushikiranganji bwukwivuna abansi bwemeza ko abasirikare burundi bazoterera amatora yo 2020 nk ‘uko bizokorwa n’abandi bakozi ba reta . Colonnel Gaspard Baratuza avugira ubwo bushikiranganji avuga ko atamafaranga canke ibice bifatirwako ku musirikare biramenyekana murico gikorwa co guterera amatora . uyo avugira igisirikare c’uburundi avuga ko uburyo umusirikare wese azoterera buzokwerekanwa mw’itegeko nshikiranganji . Umuvugizi wi gisirikare akaba abivuze mu gihe hari amakuru avuga ko umusirikare ari mu butumwa bwigikorwa co kugarukana amahoro mu gihugu ca somalie agiye gutanga amafaranfga ibihumbi amajana 3 kukwezi kugira ashigikiere amatora ,nayo uwuri mu gihugu ca centre africa akarihishwa ayarenga ibice 50% y’amafaranga akorera .

• Umugwi wa gatatu w’inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu Onu waremeje yuko ishigikiye integuri y’ingingo yaryo yo gukingira abamenyeshaamakuru. Ivyo birashimwa n’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF mu mpfunyapfunyo y’igifaransa. Kuko ryerekana ko amakungu amaze gutegera amabi akorerwa abamenyeshamakuru

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.