Vendredi 29 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’Amakuru y’Iwavu yo ku wa 16 Ndamukiza umwaka w’2018

16/04/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’Amakuru y’Iwavu yo ku wa 16 Ndamukiza umwaka w’2018

• Urunani Amizero y’Abarundi rurikuwe n’umugambwe Sahwanya Frodebu hamwe n’umugambwe Uprona utemewe na Leta Barungikiye urwandiko uwurongoye ubumwe bwa afrika, uwurongoye umuryango wa Afrika y’ubuseruko , umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Muri urwo rwandiko basaba abo bandikiye gukora ibishoboka mu guhagarika umugambi wa Leta wo gushaka guhinyanyura ibwirizwa nshingiro. Urwo rwandiko ruriko umukono wa Nestor girukwishaka kw’izina rya Agathon Rwasa arongoye urunani Amizero y’abarundi , Léonce Ngendakumana icegera c’uwurongoye umugambwe Sahwanya Frodebu hamwe na Evariste Ngayimpenda avugako arongoye ivy’infatakibanza umugambwe Uprona utemewe na Leta. Abo bateye umukono bakemezako umugambi woguhinyanyura ibwirizwa nshingiro uramutse ugiye mungiro amaserano ya Arusha yashikanye abarundi k’umugambi w’amahoro azoca azimangana. Bakavugako uwo mugambi ugiye mungiro bizonatuma politique ishingiye kuri démocratie itakibaho mu burundi kuko ngo bizotuma abari mubwoko bw’inkehwahamwe nuko abari mu migambwe izoba itatsinze amatora bzoca bakumirwa munzego z’igihugu na cane cane munzego z’ijanye nizo kwivuna abansi hamwe nogucunga umutekano.

• Uwurongoye urunani rwabatavuga rumwe na leta, Amizero y’abarundi yagiriza igipolisi kijejwe imbimbe n’ibirere, Pafe ko camubujije kujabuka umupaka ugabura Uburundi n’Urwanda agiye mu gihugu ca Ouganda. Oscar Niyonzima akavuga ko yaragiye i Kampala kwivuza. Anavuga ko ico gipolisi caciye gifata impapuro ziwe z’inzira. Abona ko invo za politique arizo ziri inyuma yavyo. Agasaba ko yoronka uburenganzira bwo kuja kwivuza

• Uwitwa Gaspard Nzobakenga umunywanyi w’urunani Amizero y’abarundi yemezako amagara yiwe atifashe neza muri kino gihe. Ni inyuma yaho yakubiswe kuruyu wa 5 n’umurwi w’abantu avugako ari urwaruka rw’imbonerakure . Yemezako ubu adashobora gutambuka ataronse abamuterura. Uwo munywanyi w’urunani Amizero y’abarundi avugako ahari k’umusego afise amakenga k’umutekano wiwe kuko ngo ubu abamukubise bariko barakorana n’abajejwe intwaro muri zone Kanyosha aho asanzwe aba mugutera ubwoba abaja kumusuhuza. Kurikira Gaspard Nzobakenga umunywanyi w’urunani Amizero y’abarundi.

• Twarondeye musitanteri wa commune Muha kugira agire ico abivuzeko ntiturashobora kumuronka. Tukabibutsako uyo munywanyi w’urunani Amizero y’abarundi yakubiswe kuruyu wa 5 w’indwi iheze muri zone kanyosha muri commune Muha hano mugisagara ca Bujumbura. Uretse uyo n’abandi banywanyi 2 burwo runani barakubiswe barakomereka. Umurwi w’abantu bagirizwako ari uraruka rw’imbonerakure akaba aribo bagirizwa.

• Uwitwa Gratien Nduwimana batazira Radwa yarishwe n’abantu batazwi, ikiziga ciwe catowe ku mutumba Mitakataka zone Mitakataka nyene, komine Bubanza. Igiporisi kivuga ko catanguye amatohoza.

• Umupolisi yari yahagaritswe n’igisirikare c’Urwanda yashikirijwe igiporisi c’Uburundi. Cemeza yuko yari Afise ibimenyetso vy’uko yaborejwe. Irakoze Théogène yari yahagaritswe arenze imbibe z’Uburundi yinjira ku gataka k’Urwanda yaborewe nk’uko vyemezwa n’igiporisi ku mugoroba w’uwa 13 Ndamukiza. Yakorera ku kirindiro co ku Ruhororo muri komine mabayi y’intara ya Cibitoke.

• inzu zigera ku 250 zarasenyutse, izindi zishika ku 456 ziratwarwa kumitumba 9 igize zone ya Gatumba, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura. N’inyuma yaho haguye invura invanse n’umuyaga mwinshi mu ndwi iheze. Bikavugwa n’uwurongoye iyo zone, Hussein Ntahetwa. Agasaba Leta guca imiserege kugira invura ntisubire gutwara amazu.

• Umuyobozi ajejwe ubudandanji mw’ishirahamwe BUCECO rihingura isima Rodrigue Nzeyimana yarabuzwe irengero kuva mw’ijoro ryo kuwa kane italiki 12 Ndamukiza. Umuryango wiwe ukaba warabimenyesheje igipolisi. Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe umutekano avuga ko batanguye amatahoza naho adashikiriza aho ayo matohoza ageze.

• Igenekerezo rya 16 ukwezi kwa 4 harahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe kurwanya icurwa bufuni na buhoro ry’abana (esclavage). Mu runani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’abana Fenadeb bemeza ko ayo mabi akorwa na hano mu Burundi. Ferdinand Simbaruhije, umunyamabanga mukuru wa Fenadeb amenyesha ko abana bikunda gushikira ari abana b’impfuvyi canke abavuka mu miryango ikenye. Agasaba abavyeyi kwama bitwararika kumenya iyo barungitse abana babo.

• Umurwi userukira izinga rya Zanzibar warirukanwe burundu mu mahiganwa ya Cecafa y’abadashikana imyaka 17 ariko arabera hano mu Burundi. Yussuf Mossi ajejwe ivy’amahiganwa mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB amenyesha ko basanze abakinyi 12 kuri 20 baje, barenza imyaka 17.Uwo murwi ukazotanga n’ihadabu ry’amafaranga ibihumbi 15 vy’amadollars. Nayo umurwi w’igihugu ca Ethiopia ukaba wazanye abakinyi 3 barenza imyaka. Ivyatumye abo bakinyi birukanwa n’urukino bari bamaze gukina rugafutwa.

• Mu makuru y’inkino ihiganwa mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaboko basketball ryaratanguye mpupera z’idwi yarye irangiye. Ku wa gatandatu ku ruhande rw’abagabo Mtanga Unitede yatsinzwe na Gymkana amanota 56 kuri 48. Ejo hahise ku w’Imana ku ruhande rw’abagabo nyene, Dynamo yatsinze Urunani 65 kuri 51. New Star yatsinzwe n’Ishaka iyisumbije inuta rimwe. Ni ukuvuga amanota 44 kuri 43. Tuze Ambassadors 58 kuri 34. Tukiri ku ruhande rw’abagabo mu nkino zo kuri uyu w’Imana, Kern yaratsinze Muzinga amanota 63 kuri 56, Urunani narwo rwaciye rwihora Dynamo ruyitsinda amanota 75 kuri 67. Ku ruhande rw’abakenyezi Aigle Noir yararushishe Rumuri kuko yatsinze amanota 67 nayo ifise 33 gusa.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.