Jeudi 28 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo kuwa 17 nzero 2018

17/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo kuwa 17 nzero 2018

• Abashingamateka batowe mu runani Amizero y’abarundi biyamiriza kuzokatwa amafaranga ku mishahara yabo kugira baterere amatora yo mu mwaka wa 2020. Mw’ikete abo bashingamateka barungikiye umukuru w’Inama nshingamateka pascal Nyabenda bamenyeshako batokwemera gukatwa amafaranga yoguterera amatora mugihe ngo basanzwe bariha amakori kumishahara yabo nkuko bikorwa n’abandi bakozi bose.

• Ishirahamwe parcem rikangurira Abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama ribona yuko Reta ikwiye gutunganya ibiganiro bijanye no gutanga intererano ivyo yita « Dialogue social mu rurimi rw’igifaransa » y’amatora azoba mu 2020. Risanga hari ibibazo vyinshi bikwiye gutangirwa umuco bidatomowe mw’itegeko nshikiranganji ritunganya uko iyo ntererano itangwa. Faustin Ndikumana arongoye iryo shirahamwe yabivugiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu

• Sentare nkuru ya Mukaza mu gisagara ca Bujumbura yafashe ingingo yo gufata ibikoresho vya radiyo Ntumbero fm vyaribifiswe n’abanyamakuru bane biyo radiyo bitwariwe n’ishengero ry’urutare “eglise du rocher” . Iyo sentare yavuze ko iyongingo yafashwe kubera ivyo bikoresho biri mu matati .Abo bamenyeshamakuru naho batashimye iyo ngingo bayubahirije . Bagasaba ko ivyo vyuma vyorabwa neza ngo kuko iradiyo yabo ishobora kugururra ikabikenera .

• Umugambwe wabadasigana ngo ntangorane ubona kungingo yafashwe kuruyu wa kabiri n’umugwi wigihugu ujejwe gutegura amatora ceni ingingo ivugako hazoba iyandikwa ryabazotora rimwe gusa mumatora yo kwemeza canke guhakana ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro hamwe namatora ya 2020.kubwa Abel gashatsi ngwigikuru nukwo uwuzoba akwije imyaka yogutora murayo matora yose.

• Kubwu mugambwe Sahwanya Frodebu ubonako atayindi ntumbero umurwi CENI ufise atari ubusuma bw’amatora yo mu 2020. Léonce Ngendakumana icegera c’uwurongoye uyo mugambwe afatira kuvyashikirijwe nuyo murwi ko ibice 95% vy’ibizoba vyavuye mu gikorwa cokwandika abazotora mu matora yokwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro bizokoreshwa no mu matora yo mu 2020.

• Abanyagihugu babomorewe amazu ahariko harubakwa ikirimba c’umukuru w’igihugu kumutumba wa Gasenyi komine mutimbuzi intara ya bujumbura barasaba kuronswa umuzibukiro nkuko bari bavyemerewe mumpera zumwaka uheze. Bemeza ko bari bahawe isango ryo mu ntango z’uwu mwaka ariko ataco barabona gushika ubu. Basaba gutunganirizwa ngo kuko babayeho mu buzima bugoye.

• Mu bushikiranganji bw’ibidukikije, gutunganya amatongo n’ibisagara bamenyeshako ikibazo cabo banyagasenyi kizwi. Omer Niyonkuru umuvugizi w’ubwo bushikiranganji avugako bari mu bandi benshi bariko barategura gutungunariza. Ngo ubushikiranganji ntibwababeshe bazotunganirizwa.

• ubushikiranganji bwagateka kazina muntu ,imibano n’iterambere ridakumira ririyamiriza ivyakorewe abana babiri bo kumutumba nyamabere commune mpanda intara ya bubanza aho bahambwe babona .mwitangazo bwasohoye kuruyu wa gatatu basaba ko abakoze ubwo bubisha bofatwa bagahanwa bukanashimira abanyagihugu bakijije ubuzima bwabo bana.kurikira Félix ngendabanyikwa umunyamabanga ntayegayezwa mubushikiranganji bwagateka kazina muntu.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.