Mardi 19 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KUWA 16 NZERO 2018

16/01/2018 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KUWA 16 NZERO 2018

• Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora CENI wemezako ibice bigera kuri 95 kw’ijana vy’ibizoba vyavuye mu gikorwa co kwandika abazotora mu matora yokwemeza canke guhakana ibwirizwanshingiro bizokora no mu matora yo mu 2020. Pierre Claver Ndayicariye arongoye uwo murwi ivyo yabishikirije kuruyu wa 2 igihe uwo murwi wariko utanga inyigisho kubagize imirwi yo muntara ya bujumbura no muri mairie ya Bujumbura izotegura ayo matora kurwego rw’intara no kurwego rw’ama commune.

Bakaba bariko bigishwa kubijanye n’igikorwa co kuzokwandika abipfuza kuzoja murayo matora.
Tubibutseko mu murwi CENI bategekanya ko amatora yoguhinyanyura ibwirizwa nshingiro azoba mukwezi kwa 5 kw’uno mwaka turimwo.

• Abamenyeshamakuru 4 bakorera radio Ntumbero FM bumvirijwe muri sentare nkuru ikukira komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura kuruyu wa 2. Bagirizwa n’ishengero ry’urutare Eglise du Rocher kwiba ivyuma bakoresha kur’iyo radio iherutse guhagarikwa n’urwego CNC kuva mu kwezi kwa 12 umwaka wa 2017.

Abo bamenyeshamakuru bo bavuga ko iyo shegero batayizi bazobitanga aruko umukoresha wabo abatunganirije . Bategetswe kuzodsubira kwitaba kur’uyu wa gatatu muriyo sentare . Umwe murabo yizeye ko ubutungane buzobatunganiriza .

• Hari ikiziga c’umugabo catowe mu mugende utwara amazi kw’ibarabara ryitiriwe peuple murundi hanomugisagara ca Bukumbura . Igipolisi kimenyesha ko uyo muhisi yoba yishwe n’abandi boba bakorana ubusuma bw’ijoro. Pierre Nkurikiye avugira igipolisi c’uburundi avuga ariko ko amatohoza abandanya .

• Amafaranga yokwiyunguruza muntara ya Rumonge yaduze kurugero ruri hagati ya 500 n’1500. Ivyo bikaba vyavuye k’ubukene bw’igitoro bumaze imisi bwibonekeza muntara zitandukanye z’igihugu. N’ubwato bwahora bucisha ibidandazwa ku kivuko ca Rumonge ngo bwabuze igitoro. Abanyagihugu baho basabako ico kibazo c’ubukene bw’igitoro cotorerwa inyishu.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.