Jeudi 28 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

Incamake y’amakuru y’iwacu yo kuwa 16 ntwarante 2018

16/03/2018 Edition : Commentaires fermés sur Incamake y’amakuru y’iwacu yo kuwa 16 ntwarante 2018

Abantu 6 bapfuye, 2 barakomereka bahitwanye n’umusozi wabaguyeko ku kiraro c’uruzi Gasenyi hafi yahariko harubakwa ikirimba c’umukuru w’igihugu muri komine mutimbuzi intara ya bujumbura. Abasanzwe bakorera aho habaye iryo sanganya bakavuga vyoba vyavuye ku mvura nyinshi yaraye iguye mwijoro ryo kuruyu wa kane. Mu bushikiranganji bw’ibikorwa vya Leta bemeza ko hategekanijwe agashumbusho ku bagira isanganya murivyo bikorwa.

ahandi habaye isanganya ni mukiyange muri zone ya buterere mugisagara ca Bujumbura, aho hari igorofa yariko irubakwa yahenukiye kubakozi bariko barayubaka.naho vyabaye mugitondo co kuruyu wa gatanu kugeza kumugoroba ntawuramenya ibitigiri vyabapfuye canke abakomeretse kiretse abamaze gushikanwa kwa muganga kuko atawuzi igitigiri cabakozi bariko bakora kuriyo nzu.

Abanyororo barenga amajana 7 nibo barekuwe kukigongwe c’umukuru w’igihugu bava mwibohero rikuru rya mpimba kuruno wa gatanu, muribo amajana 450 bari bafatiwe mumyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru wigihugu petero nkurunziza.umushikiranganji w’ubutungane aimée Laurentine kanyana yasabavye ko bokwitonda ntihagire uwusubira kubata murudubi namwarirya himirije amatora yo guhindura ibwirizwa shingiro.kurikira aimée laurentine kanyana n’umushikiranganji w’ubutungane.

Inama nshingamateka yemeje kur’uyu wa 5 integuro y’itegeko rigenga isuku n’isukura. Umushikiranganji w’amagara y’abantu akaba yamenyesheje imbere y’abashingamateka ko iyo nteguro y’itegeko ifise intumbero yo kugabanya indwara zituruka kw’isuku rike aho abitura amavuriro kuber izo ndwara bagera ku bice 80%. Abashingamateka bakaba bashikirije amakenga ku bibanza vy’uburiro n’ubunywero birangwamwo isuku rike .

Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’ugusesagura amatungo ya leta, Olucome rirashikiriza amakenga kumafaranga arenga imiliyoni amajana abiri na mirongo itanu yatanzwe n’ubushikiranganji bwamasoko ntanganguvu. Ayo mafranga akaba yatanzwe muntumbero yoguterera amatora. Gabriel Rufyiri, arongoye iryo shirahamwe abona ko ayo mafaranga atatanzwe n’abakozi bwubwo bushikiranganji. Akikeka ko yavuye mumasezerano yokurondera ubutare butandukanye mu gihugu.Twagerageje kurondera abo mubushikiranganji bw’amasoko ntanganguvu kugira bagire ico bavuze ariko tukaba twabakenye
kuruno wa gatatu niho ishirahamwe ryamaradio asamiranira mu burundi ABR ryahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe amaradio.kucivugo cuno mwaka kivuga iradiyo na sport umukuru wa ABR onésime harubuntu amenyeshako hakiri agahaze kukibanza amaradiyo aharira inkino.agasaba reta hamwe nabagiraneza gufasha cane cane mukuronsa ubumenyi n’uburyo abamenyeshamakuru b’inkino

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.