Mardi 19 mars 2024

Iwacu Web Radio RNW Media

INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KUWA 15 KIGARAMA 2017

15/12/2017 Edition : Commentaires fermés sur INCAMAKE Y’AMAKURU Y’IWACU YO KUWA 15 KIGARAMA 2017

• Umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora CENI wemezako utegekanyako amatora yokwemeza canke guhakana ibiri munteguro y’ibwirizwa nshingiro rishasha ry’igihugu Réferendum azoba mu kwezi kwa 5 kw’umwaka uza wa 2018.

Pierre Claver Ndayicariye : « L’organisation des élections reste une tâche complexe à laquelle la Ceni ne saurait venir seule au bout. » ©Iwacu

Pierre Claver Ndayicariye arongoye uyo murwi,ivyo yabishikirije kuruyu wa 5 mu nama yagiranye nabasanzwe bafashanaya nuwo murwi mugutegura amatora. Umurwi CENI ukaba wahamagariye abipfuza kuzoja mu mirwi itegura amatora kurwego rw’intara gutangura gutanga ama dossier yabo kuva kuruyu wa 5. Isango ryanyuma akaba ari igenekerezo rya 20 kuno kwezi.

• Abahoze ari abakuru b’igihugu ubu nta ntebe bazoba bafise mu nama nkenguzamateka. Biri munteguro yibwirizwanshingiro rishasha ryigihugu. ;ikindi nuko ata murundi numwe azokwitaba ubutungane bw’ikindi gihugu kiriko kiramukurikirana.

• Mu runani amizero y’abarundi bamenyeshako ko mu gihe hari icoba gikenewe guhindurwa mw’ibwirizwa shingiro hokwisungwa ingingo ya 299 yaryo. Evariste Ngayimpenda ari mururwo runani amenyesha ariko iki gihe ko kitarico guhindura ibwirizwa shingiro. Ngo hari kubanza kuboneka nyabuna umuti w’ibibazo bitandukanye biri mu gihugu

• Umugambi wo kwigisha abanyagihugu ibijanye n’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro ngo numugambi wa Leta. Kubwa Thérence Ntahiraja umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, ngo s’ukwiyamamaza kw’imigambwe. Ahamagarira ariko abanyamigambwe guhimiriza abanywanyi babo kwemeza ibwirizwa shingiro ibisigaye ngo umwe wese azobimenyera mu nzu y’amatora.Thérnce Ntahiraja aragabisha uwo wese yoja kwigisha abanyagihugu kutemerako ibwirizwa nshingiro ryohinyanyurwa

• Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu buhamagarira ba buramatari kuraba neza ko atama nama yokwigisha abajejwe intwaro akorwa mu rurimi rundi atari ikirundi canke ngo akreshwe n’abanyamahanga. Mw’ikete umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabamenyeshejeko bibujijweko ayo manama akorwa muzindi ndimi atari ikirundi canke ngo akoreshwe nabanyamahanga. Akavugako umunyamahanga yokoresha iyo nama azotegerezwa kubanza guhabwa uruhusha n’umushikiranganji w’intwaro yohagati mu gihugu.

A nos chers lecteurs

Nous sommes heureux que vous soyez si nombreux à nous suivre sur le web. Nous avons fait le choix de mettre en accès gratuit une grande partie de nos contenus, mais une information rigoureuse, vérifiée et de qualité n'est pas gratuite. Nous avons besoin de votre soutien pour continuer à vous proposer un journalisme ouvert, pluraliste et indépendant.

Chaque contribution, grande ou petite, permet de nous assurer notre avenir à long terme.

Soutenez Iwacu à partir de seulement 1 euro ou 1 dollar, cela ne prend qu'une minute. Vous pouvez aussi devenir membre du Club des amis d'Iwacu, ce qui vous ouvre un accès illimité à toutes nos archives ainsi qu'à notre magazine dès sa parution au Burundi.

Archives des émissions

Retrouvez toutes les archives de nos émissions.